ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 12/11 rup. 2
  • Inyishu ku bibazo vyanyu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu ku bibazo vyanyu
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ivyo bijanye
  • Dukoreshe neza ibitabu vyacu
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
  • Dukoreshanye ubukerebutsi ibisohokayandikiro vyacu bishingiye kuri Bibiliya
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Indinganizo Yacu Yoroheje yo Gutanga Ibisohokayandikiro
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Gushikiriza ibisohokayandikiro mu cibare kirimwo abavuga indimi nyinshi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2011
km 12/11 rup. 2

Inyishu ku bibazo vyanyu

◼ Twomenya gute nimba twosigira canke tutosigira umuntu igitabu, agatabu canke ikinyamakuru?

Ikintu nyamukuru twitwararika ni ukuraba ko uwo muntu yashimishijwe. Agaragaje ko ashimishwa vy’ukuri, twoshobora kumusigira ibinyamakuru bibiri, agatabu, igitabu, canke ikindi kintu tuba turiko dushikiriza. Twoshobora kukimusigira naho twoba tubona ko afise amahera makeyi yo guterera ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose canke ata yo afise. (Yobu 34:​19; Ivyah. 22:​17) Ariko rero, ntitwosigira ibitabu n’ibinyamakuru vyacu vy’agaciro abantu batabiha agaciro.​—⁠Mat. 7:​6.

None twomenya gute ko uwo tuyaga agaragaza ugushimishwa? Igihe agize umutima ukunze wo kuyaga natwe kiba ari ikimenyetso ciza cerekana ko ashimishwa. Igihe atega yompi turiko turavuga, akishura ibibazo tumubaza kandi agaserura iryo agona, birerekana ko ariko aragira uruhara mu kiyago. Igihe akurikira turiko turasoma muri Bibiliya, birerekana ko yubaha Ijambo ry’Imana. Akenshi ni vyiza kumubaza ko azosoma nya gitabu canke nya kinyamakuru tugomba kumusigira. Abamamaji bakwiye gukoresha ubukerebutsi kugira bamenye nimba umuntu yashimishijwe koko. Nk’akarorero, igihe dushinga intahe ku mabarabara, ntivyoba bibereye dushikirije ibinyamakuru, udutabu, canke ibitabu uwurengana wese. Nimba tutazi neza ko umuntu yoba yashimishijwe vy’ukuri, vyoba vyiza tumusigiye agapapuro k’ubutumire canke agapapuro k’inkuru nziza.

Mu buryo nk’ubwo nyene, ku Ngoro y’Ubwami umwamamaji akwiye gutora ibitabu, udutabu, n’ibinyamakuru yisunze ivyo akeneye kugira arangure ubusuku bwiwe, ntiyisunge ubushobozi bwiwe bwo gutanga intererano. Intererano dutanga si izo kuriha nya bitabu tuba dutwaye, ahubwo ni izo gushigikira imice yose y’igikorwa cacu co kwamamaza kirangurirwa kw’isi yose. Ivyacu vyaba vyifashe gute mu vy’ubutunzi, kuba turi abantu bakenguruka bizotuma dutangana umutima mwiza ibivuye ku bukene bwacu, atari ibivuye ku murengera wacu, kugira dushigikire inyungu z’Ubwami. (Mrk. 12:​41-​44; 2 Kor. 9:​7) Bizotuma kandi twironsa ibitabu, udutabu canke ibinyamakuru dukeneye, gutyo tube twirinze gusesagura intererano zatanzwe kugira biboneke.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 2]

Abamamaji bakwiye gukoresha ubukerebutsi kugira bamenye nimba umuntu yashimishijwe koko

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika