Woba witeguriye gutabarwa vyihutirwa mu bijanye no kuvurwa?
Vyoshika giturumbuka bikaba ngombwa ko utabarwa vyihutirwa mu bijanye no kuvurwa. (Yak. 4:14) Umunyabwenge aritegura rero uko ashoboye kwose. (Imig. 22:3) Woba umaze guhitamwo uburyo bwo kuvurwa uzokwemera, kandi woba umaze kubwandika? Mu ntumbero yo kubigufashamwo, harateguwe ividewo ivuga ngo Soigner sans transfuser: besoins et droits du patient (Ukuvura hadakoreshejwe amaraso, ivyo umurwayi akeneye be n’agateka kiwe bikubahirizwa), kikaba ari igice kigira kabiri ca ya DVD ivuga ivyo kuvurwa hadakoreshejwe amaraso (Des alternatives à la tranfusion— Documentaires). Uko urorera iyo videwo, raba nimba wokwishura ibibazo bikurikira. Kubera yuko muri iyo videwo hari ibihe bigufibigufi vyerekana abantu bariko barabagwa, abavyeyi barakwiye kwiyubara bagafata ingingo nimba bororera iyo videwo bari kumwe n’abana bakiri bato. Aho ayo mavidewo ataboneka, nimuganire ku “Bibazo vy’abasomyi” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruheshi 2004 no mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo 2000, canke ku bivugwa mu nyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Munyonyo 2006.
(1) Ni kubera iki abahinga bamwebamwe mu vy’ubuvuzi bariko barahindura ivyiyumviro ku bijanye no gutera amaraso? (2) Tanga uburorero butatu bw’ukubaga kugoye cane kwagizwe hadakoreshejwe amaraso. (3) Ni kubera iki abaganga be n’abahinga mu vy’ukubaga bashika ibihumbi kw’isi yose bemeye kuvura abarwayi batabateye amaraso? (4) Ivyigwa biheruka kugirwa n’ibitaro vyahishuye iki ku bijanye no gukoresha amaraso? (5) Ni inkurikizi mbi izihe zishobora kuhaba igihe umuntu atewe amaraso mu kuvurwa? (6) Ni iciyumviro ikihe abahinga karuhariwe benshi bashitseko ku bijanye n’ivyiza biva ku kwikora ku buhinga be no ku miti bituma hadakoreshwa amaraso? (7) Ni igiki gituma amaraso akeha mu mubiri, kandi ni ibiki vyokorwa kugira ngo uwakeheje amaraso afashwe? (8) Ihingurwa ry’utugingo dutukura two mu maraso rishobora gukaburwa gute mu mubiri w’umurwayi? (9) Ni ubuhinga ubuhe buriko burakoreshwa kugira ngo bagabanye amaraso atakara mu gihe c’ukubaga umurwayi? (10) Imiti n’ubuhinga bikoreshwa bigatuma hadakoreshwa amaraso, vyoba bishobora gukoreshwa ku bana bakiri batoyi canke ku barwayi baremvye cane bakeneye gutabarwa vyihutirwa? (11) Imwe mu ngingo ngenderwako nyamukuru z’ukuvura neza umurwayi ni iyihe?
Kubera yuko kwemera bumwebumwe muri ubwo buryo bwo kuvurwa bwerekanywe muri iyo videwo ari ingingo umuntu yifatira yisunze ijwi ryiwe ryo mu mutima, nturindire ngo ushikirwe n’ibintu vyihutirwa ngo abe ari ho wiyumvira uburyo bwo kuvurwa wokwemera n’ubwo utokwemera. Ikigabane ca 7 c’igitabu ‘Urukundo rw’Imana’ be n’amarabiro atangwamwo, tutibagiye na ya nyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Munyonyo 2006 bizogufasha gufata ingingo ishingiye ku bintu utahura neza. Nimba umaze kubatizwa, nuce werekana ku gakarata DPA uburyo wahisemwo, maze wame ukitwaza igihe cose.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 3]
Woba umaze guhitamwo uburyo bwo kuvurwa uzokwemera, kandi woba umaze kubwandika?