Ingene twotanguza ibiyago
Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Rusama
“Twese turakora amakosa. Woba urigera wibaza niba Imana yoharira mbere n’ibicumuro bikomakomeye?” [Rindira yishure.] Numwereke ikiganiro kiri ku rupapuro rwa 15 mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Rusama, maze murabire hamwe ibivugwa munsi y’ikibazo ca mbere mwongere murabe n’imiburiburi kimwe mu vyanditswe vyatanzwe. Numushikirize ibinyamakuru hanyuma muvugane umusi wogaruka kugira muganire ikibazo gikurikira.
Umunara w’Inderetsi 1 Ndamukiza
“Umuntu wese tuyaze dusanga afise ingorane yinaka. Ivyo bituma abantu bamwebamwe bibaza ingene bobaho bahimbawe. Ni ikintu nyamukuru ikihe wovuga ko gituma tutagira agahimbare muri iki gihe? [Rindira yishure.] Bibiliya isezerana ko Imana vuba izokuraho ingorane zose dufise. [Soma Ivyahishuwe 21:4.] Iki kinyamakuru kiravuga ibintu twiteze muri kazoza be n’ingene twoshobora kubaho duhimbawe no muri iki gihe.”
Be maso! Ndamukiza
“Amabi akorerwa mu ngo asigaye yiraye. Hari abavuga ko ibiyatera ari imico y’abantu, imiryango bakuriyemwo be n’ibintu abantu bakoresha mu kwinezereza birimwo ubukazi. Wewe wibaza ko ikintu nyamukuru gituma haba amabi akorerwa mu ngo ari igiki? [Rindira yishure.] Bibiliya irerekana ubucuti bwiza bukwiye kuba hagati y’umugabo n’umugore. [Soma Abanyefeso 5:33.] Iki kinyamakuru kirerekana ukuntu hari abubakanye bahavuye barushinga rukaguma kubera bashize mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya.”