Mufatire akarorero ku bahanuzi—Yoweli
1. Twokwigana gute ukwicisha bugufi kwa Yoweli igihe twamamaza?
1 Umuhanuzi Yoweli yari nde? Avuga gusa ko yari “mwene Petuweli.” (Yow. 1:1) Uwo muhanuzi yicisha bugufi yashimika ku butumwa bwa Yehova, ntiyashimika ku ruhara rwiwe rwo kubushikiriza. Muri ubwo buryo nyene, igihe turi mu busuku, aho kurondera gushimagizwa canke kumenyekana, dukwegera ivyiyumviro vy’abantu kuri Yehova no kuri Bibiliya. (1 Kor. 9:16; 2 Kor. 3:5) Vyongeye, turaronkera inkomezi mu butumwa dushikiriza. Ni imice iyihe y’ubuhanuzi bwa Yoweli yotuma tugira umwete n’icizigiro muri iki gihe?
2. Ukuba umusi wa Yehova wegereje cane bituvyurira umutima wo gukora iki?
2 “Umusi wa Yehova uri hafi.” (Yow. 1:15): Naho haheze imyaka ibihumbi ayo majambo yanditswe, tubayeho mu gihe c’iranguka ryayo rya nyuma. Ukuba ivyo kw’isi bitera bidabuka hamwe n’ukuba abantu bo mu vyibare vyacu batanerwa ivyo tubabwira canke badutwenga, ni ikimenyamenya ntaseswa c’uko turi mu misi ya nyuma y’ivy’iyi si. (2 Tim. 3:1-5; 2 Pet. 3:3, 4) Igihe tuzirikanye ukuntu iherezo ryegereje cane, duca tubona ko dufise imvo yumvikana yo gushira ubusuku imbere y’ibindi vyose mu buzima bwacu.—2 Pet. 3:11, 12.
3. Ni kubera iki ubusuku buhambaye cane uko twegereza ya makuba akomeye?
3 “Yehova azobera ubuhungiro abantu biwe.” (Yow. 3:16): Umutigito uvugwa muri ico canditswe ushobora kwerekezwa gusa ku rubanza Yehova azoshitsa mu gihe ca ya makuba akomeye. Turaremeshwa no kumenya ko muri ico gihe Yehova azorokora abasavyi biwe b’abizigirwa. (Ivyah. 7:9, 14) Uko tugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza maze tukibonera ukuntu Yehova adufasha akongera akadukomeza, turatsimbataza ukwizera n’ukwihangana bizodufasha mu kiringo ca ya makuba akomeye yimirije.
4. Ni kubera iki twonezerwa kandi tukitega kazoza tubigiranye ukwizigira?
4 Naho hari abavuze ko ubutumwa Yoweli yashikiriza bwari ubw’ivyago, buratuma abasavyi b’Imana bagira icizigiro kininahaye co kurokorwa. (Yow. 2:32) Ku bw’ivyo, nimuze twitege kazoza tubigiranye ukwizigira kandi twamamaze inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana tubigiranye umwete uko tugamburuka amajambo ari muri Yoweli 2:23 agira ati: “Nimunezerwe muhimbarwe muri Yehova Imana yanyu.”