“Ndakira igitabu cawe niwemera kwakira rwanje”
Ico ni ikintu abanyamuhana bamwebamwe bakunze kuvuga. Kubera ko ibikoresho vyacu bifasha kwiga Bibiliya tutabikaba n’ibitabu vyo mu madini bikwiragiza ibinyoma, ni gute twokwishura tubigiranye ubugenge? (Rom. 1:25) Twoshobora kuvuga duti: “Urakoze. Ico kivuga iki ku bijanye n’umuti w’ingorane z’abantu? [Rindira yishure. Nimba agusavye gusoma ico gitabu ciwe kugira wironkere inyishu, woshobora kumwibutsa yuko utamuhaye igitabu utabanje kumubwira ibirimwo. Nuce usoma muri Matayo 6:9, 10 canke uhasubiremwo mu majambo.] Yezu yavuze yuko Ubwami bw’Imana buzotuma ukugomba kw’Imana gukorwa kw’isi. Ku bw’ivyo, igitabu conyene c’idini nsoma ni igishimika ku Bwami bw’Imana. Ubona nokwereka muri Bibiliya ibintu bimwebimwe kandondwa Ubwami bw’Imana buzorangura?”