Ibiganiro ngirakamaro ku bw’ubusuku bwacu
1. Ibiganiro bivuga ngo “Ikiyago Icabona ca Yehova agirana n’uwo abwira inkuru nziza” bifise intumbero zibiri izihe?
1 Rimwe na rimwe, integuro ya bose y’Umunara w’Inderetsi usanga irimwo ibiganiro bivuga ngo “Ikiyago Icabona ca Yehova agirana n’uwo abwira inkuru nziza.” Ivyo biganiro bifise intumbero zibiri: Gushikiriza inyigisho yo muri Bibiliya mu buryo bukwegera be no kutwereka ingene twozirikana n’umuntu ku vyiyumviro binaka tubigiranye ubugenge. (1 Pet. 3:15) Twokoresha neza gute ivyo biganiro?
2. Twokoresha gute ivyo biganiro mu busuku bwacu?
2 Nubikoreshe mu busuku: Woshobora kubika ibinyamakuru vyiyongereye vy’Umunara w’Inderetsi birimwo ivyo biganiro. Igihe umunyamuhana, umuntu yashimishijwe canke umutohoji wa Bibiliya abajije ikibazo canke avyuye ibihari ku kintu kanaka, kino kikaba carasohowe mu kiganiro kimwe muri ivyo, nuce umuha ikinyamakuru kirimwo ico kiganiro maze umusabe mukiganireko. Nimba udafise ico kinyamakuru kirimwo ico kiganiro, kumbure woshobora kukivoma kuri jw.org.
3. Twoshobora gute kuganira n’umunyamuhana kuri kimwe muri ivyo biganiro?
3 Woshobora gute kuganira n’umuntu kuri kimwe muri ivyo biganiro? Hari abasavye uwo muntu ngo asome n’ijwi ryumvikana amajambo y’uwubwirwa inkuru nziza, na bo bagasoma amajambo y’Icabona. Ico kiyago gishingiye ku kiganiro casohowe kirashobora kuba ngirakamaro kubera gituma umuntu asuzuma ivyo twemera mu buryo butuma atumva ubuyega.—Gus. 32:2.
4. Twokoresha gute ivyo biganiro mu kwimenyereza?
4 Niwimenyereze wongere umenyereze n’abandi: Igihe usoma ivyo biganiro, niwitwararike ivyanditswe, ibigereranirizo be n’uburyo bwo kuzirikana birimwo. Nurabe ukuntu ayo mayagwa yashikirijwe. Hanyuma nugerageze gukoresha ubwo buryo nyene mu busuku bwawe. (Imig. 1:5; 9:9) Mushiki wacu umwe yavuze ati: “Gusoma ivyo biganiro ni nko kwigira ku mutsimvyi mukorana yakanongoreye, umwe yama azi ikintu kibereye co kuvuga!”
5. Twofasha gute abatohoji bacu ba Bibiliya kwitegurira ubusuku?
5 Woshobora kandi gukoresha ayo mayagwa yanditse mu gufasha abatohoji bawe ba Bibiliya kwitegurira ubusuku. Nimusomere hamwe ayo makuru, ureke umutohoji akine uruhara rw’umwamamaji. Muri ubwo buryo, abatohoji ba Bibiliya boshobora kwimenyereza gusigura ivyo bemera babigiranye ubugenge. (Kol. 4:6) Vy’ukuri, ivyo biganiro ni bumwe mu buryo bwinshi Yehova akoresha mu kudufasha ‘kurangura bimwe bishitse’ ubusuku bwacu.—2 Tim. 4:5.