Gufasha abataragera kwiga igitabu Ivyo Bibiliya yigisha
1. Igitabu Ivyo Bibiliya yigisha coba gishimisha abantu bose mu ntango? Sigura.
1 Kugira ngo umuntu abe umusavyi wa Yehova, ategerezwa kumenya ivyo Bibiliya yigisha. Yamara, bamwe usanga bari mw’idini ritari irya gikirisu kandi ntibabona ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana. Abandi ntibemera Imana namba kandi ntibubaha Bibiliya. Ni ibikoresho ibihe vyagaragaye ko ari ngirakamaro ku bantu mu ntango basa n’abatokwemera igitabu Ivyo Bibiliya yigisha? Ivyiyumviro bikurikira bishingiye ku vyavuzwe n’abamamaji bo mu bihugu nka 20 bitandukanye.
2. Igihe umuntu atubwiye ko atemera Imana, ni igiki dukwiye kugerageza kumenya, kandi kubera iki?
2 Abatemera Imana: Igihe umuntu avuze ko atemera Imana, ni ngirakamaro ko tumenya igituma. Vyoba ari kubera yemera ko ibintu vyabayeho biciye kw’ihindagurika? Yoba atizera Imana kubera abona akarenganyo mw’isi canke ubwiyorobetsi mw’idini? Yoba ava mu gihugu kibuza ivyo kwemera Imana? Kumbure ashobora kuba adahakana ashikamye ko Imana iriho, ariko akaba atarigera abona ko kuyemera bikenewe. Abamamaji benshi basanze kubaza umuntu ngo “Woba wamye wiyumvira gutyo?” bituma asigura igituma. Numutege yompi kandi ntumuciremwo. Igihe dutahuye igituma umuntu atemera Imana, tuzomenya ingene tumwishura be n’igisohokayandikiro twomuha.—Imig. 18:13.
3. Twokwerekana gute ko twubaha umuntu be n’ivyo yemera?
3 Igihe wishura, nube maso ntutume uwo muntu abona ko uriko urarwanya ivyiyumviro vyiwe. Iki ciyumviro catanzwe n’umwamamaji wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika: “Birahambaye ko twubaha uburenganzira abantu bafise bwo guhitamwo ivyo bemera. Aho kurondera gutsinda mu bihari, ni vyiza kubaza ibibazo bituma uwo muntu azirikana kandi we ubwiwe akagira ivyiyumviro ashitseko.” Umucungezi w’ingenzi umwe amaze kwumviriza ivyo umunyamuhana avuga, akenshi mu kwishura abanza kubaza ati: “Woba urigera ubona ko iki kintu gishoboka?”
4. Twoshobora gute gufasha Ababuda?
4 Ababuda benshi usanga batamenyereye ivy’uko hariho Imana. Abamamaji bamwebamwe bo mu Bwongereza barakunda gukoresha agatabu La paix et le bonheur durables :comment les trouver igihe babwira ubutumwa mwene abo bantu. Bamaze kurimbura intangamarara, baraganira ku gihimba kivuga ngo “Existe-t-il vraiment un Créateur Très-Haut ?” hanyuma bakaganira ku kivuga ngo “Un guide bénéfique pour tous les humains.” Mu nyuma, boshobora kwereka umunyamuhana igitabu Ivyo Bibiliya yigisha maze bakamubwira bati: “Naho utemera Imana, kwiga Bibiliya ni ngirakamaro kubera ko irimwo ubuyobozi ngirakamaro bwinshi.” Umutsimvyi umwe wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yamamaza ku Bashinwa yavuze ati: “Abantu benshi bo mu cibare cacu barakunda gusoma. Rero akenshi iyo tugarutse dusanga barahejeje gusoma igisohokayandikiro tuba twarabasigiye. Ariko barashobora kudatahura ibijanye no kwiga Bibiliya. Ku bw’ivyo, nkunze kubaha agatabu Inkuru nziza igihe ndabagendeye ari ryo rya mbere kubera ko kanditswe mu buryo buremesha ikiyago.” Umucungezi w’umuzunguruko akorera mu muzunguruko w’igishinwa muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko bishoboka yuko wereka umuntu igitabu Ivyo Bibiliya yigisha igihe umugendeye ari ryo rya mbere. Ariko rero, vyoba vyiza kuruta mu kwiga muhereye ku kigabane ca 2, ikivuga ibintu vy’ishimikiro ku vyerekeye Bibiliya, aho guhera ku kigabane ca 1, ikivuga ivyerekeye Imana.
5. Ni kubera iki kwihangana bihambaye?
5 Kuri bamwe bifata igihe kugira ngo bizere Imana, rero kwihangana birahambaye. Ibiyago tugirana n’abantu ari ryo rya mbere vyoshobora kudatuma bemera ko hariho Umuremyi. Ariko kumbure haciye igihe boshobora kwemera ko bishoboka yuko hoba hariho Umuremyi, canke boshobora kuvuga ko batahura igituma umuntu yoshika kuri ico ciyumviro.
6. Ni kubera iki abantu bamwebamwe bashobora kuba badashimishwa na Bibiliya?
6 Abadashimishwa na Bibiliya canke batayizigira: Yamara, akenshi umuntu avuga ko Imana ishobora kuba iriho usanga adashimishwa n’ivyo Bibiliya yigisha kubera ko atemera yuko ari Ijambo ry’Imana. Kumbure ashobora kuba aba mu gihugu atari ic’abakirisu maze akaba asanisha Bibiliya n’amadini yiyita aya gikirisu. Canke ashobora kuba aba mu gihugu citwa ko ari ic’abakirisu ariko kikaba kidashikamye cane mu vy’idini maze ivyo bigatuma adashobora kwiyumvira ko Bibiliya yoba ngirakamaro kuri we. None twoshobora gute gufasha abantu nk’abo gushimishwa na Bibiliya maze amaherezo bakemera kwiga igitabu Ivyo Bibiliya yigisha?
7. Ni uburyo bwiza ubuhe bwo gutuma umuntu ashimishwa na Bibiliya?
7 Ibiro vy’ishami vyo mu Bugiriki vyanditse biti: “Uburyo bwiza bwo gufasha abantu badashimishwa na Bibiliya ni ukuzingurura gusa Bibiliya maze ukabereka ibiri muri yo. Abamamaji benshi barabonye ko ububasha ubutumwa bwo muri Bibiliya bugira ku mutima w’umuntu bukomeye kuruta ikintu ico ari co cose bo ubwabo bovuga. (Heb. 4:12) Kubona izina ry’Imana muri Bibiliya vyarafashije benshi gutsimbataza icipfuzo co kwihweza bitonze ibiri muri yo.” Ibiro vy’ishami vyo mu Buhindi vyanditse biti: “Ukuri ku vyerekeye ubuzima n’urupfu vy’ukuri kurakwegera abari mw’idini ry’Abahindu benshi, kandi ukwo ni ko bigenda no ku cizigiro Bibiliya itanga c’uko hazobaho isi itarangwamwo ugukumirana gushingiye ku kibanza umuntu afise mu kibano.” Kwerekeza ku ngorane ziraje ishinga abantu bo mu karere iwabo akenshi biraronsa abamamaji akaryo ko kwerekana ico Bibiliya ivuga ko Ubwami bw’Imana buzokora kugira ngo butorere umuti izo ngorane.
8. Twobwira iki abantu babona nabi Bibiliya kubera abiyita abakirisu?
8 Niba umuntu abona nabi Bibiliya kubera abiyita abakirisu, numumenyeshe ko abiyita abakirisu bagoretse Bibiliya be n’ivyo yigisha. Ibiro vy’ishami vyo mu Buhindi vyanditse biti: “Rimwe na rimwe, turakeneye gufasha abantu kubona ko amadini atari yo yitwararika ibijanye na Bibiliya.” Bavuze ko abantu bo mw’idini ry’Abahindu akenshi batangazwa n’igihimba ca 4 co mu gatabu Quel est le but de la vie ?Comment le découvrir ?, kino kikaba gisigura ukuntu amadini yagerageje gutitura Ijambo ry’Imana no kurizimanganya. Umutsimvyi umwe wo muri Brezile abwira abantu ati: “Ubona gute urondeye kumenya vyinshi ku bijanye n’ibiri muri Bibiliya? Abantu benshi bariko barabigira ata ho bahengamiye, ata wubahatiye kuja mw’idini kanaka. Woshobora gutangazwa n’ivyo wokwiga.”
9. Ni kubera iki tudakwiye gutana n’akabando igihe hari umuntu mu ntango adashimishwa n’ivyo Bibiliya yigisha?
9 Yehova araraba umutima w’umuntu uwo ari we wese. (1 Sam. 16:7; Imig. 21:2) Ariko arakwegera abafise umutima ugororotse ku gusenga kw’ukuri. (Yoh. 6:44) Benshi muri abo usanga batari bwigere biga ivyerekeye Imana canke ugasanga ntibari bamenyereye cane Bibiliya. Ubusuku bwacu burabaronsa akaryo ko “[gu]kizwa bagashika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.” (1 Tim. 2:4) Ku bw’ivyo, niba hari abantu mu ntango badashimishwa n’ivyo Bibiliya yigisha, ntuce utana n’akabando! Nukoreshe kimwe mu bikoresho ushobora kuronka mu rurimi rwawe kugira ngo ubavyurire ugushimishwa. Amaherezo, urashobora kwimurira ikiganiro mugirana mu gikoresho cacu nyamukuru co kuyobora inyigisho za Bibiliya, na co akaba ari igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
[Uruzitiro ku rup. 4]
Niba umunyamuhana avuze ko atemera Imana, nugerageze iki kintu:
• Numubaze uti: “Woba wamye wiyumvira gutyo?” kugira umenye igituma.
• Niba ari Umubuda, nukoreshe agatabu La paix et le bonheur durables :comment les trouver, ku rupapuro rwa 9-12.
• Niba yemera ko ibintu vyabayeho biciye kw’ihindagurika, aya marabiro yoshobora gufasha:
Ibiganiro vyo muri Be maso! bivuga ngo “Vyoba vyariyadukije?”
Ividewo ivuga ngo Les merveilles de la création révèlent la gloire de Dieu (Ibitangaza vy’irema birahishura ubuninahazwa bw’Imana)
Udutabu tuvuga ngo Une vie pleinement satisfaisante :Comment ?, igihimba ca 4; Vyoba vyararemwe?; be na Cinq questions à se poser sur l’origine de la vie
• Niba atizera Imana kubera abona akarenganyo be n’imibabaro, aya marabiro yoshobora gufasha:
Igitabu Y a-t-il un Créateur qui se soucie de vous ?, ikigabane ca 10
Udutabu Dieu se soucie-t-il vraiment de nous ?, igice ca 6 be na Quel est le but de la vie ?, igihimba ca 6
• Igihe cose umunyamuhana atahuye iciyumviro c’uko Imana iriho, nimuce muja mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Vyoba vyiza mutanguriye ku kigabane ca 2 canke ku kindi kigabane kibereye kuri we.
[Uruzitiro ku rup. 5]
Niba umunyamuhana atemera Bibiliya, nugerageze iki kintu:
• Nimurimbure ikigabane ca 17 n’ica 18 mu gitabu La vie :comment est-elle apparue ? Évolution ou création ?
• Ku bari mw’idini ry’Abahindu, nukoreshe agatabu Pourquoi adorer Dieu en amour et en vérité ?
• Ku Bayahudi, nukoreshe agatabu Connaîtrons-nous un jour un monde sans guerre ?, ku rupapuro rwa 3-11.
• Nimuganire ku vyiza biva ku gukurikiza ingingo ngenderwako za Bibiliya. Ibisohokayandikiro ushobora gukoresha mu kwereka umuntu akamaro ka Bibiliya ni:
Ibiganiro vyo muri Be maso! bivuga ngo “Icofasha umuryango”
Ividewo ivuga ngo La Bible :une force dans votre vie (Bibiliya: Ububasha ifise mu buzima bwawe)
Udutabu Inkuru nziza iva ku Mana, icigwa ca 9 be n’ica 11; Un livre pour tous, ku rupapuro rwa 22-26; be na Une vie pleinement satisfaisante :Comment ?, igihimba ca 2
Ku Babuda, nukoreshe agatabu La voie qui mène à la paix et au bonheur, ku rupapuro rwa 3-7.
Ku Bisilamu, nukoreshe agatabu Ukwizera nyakuri kurashobora gutuma ubaho uhimbawe, igihimba ca 3.
Igihe uriko uramamaza mu karere abaho binuba Bibiliya, vyoba vyiza utababwiye iyo amajambo aranga ubukerebutsi uriko urababwira ava gushika umaze kubagendera incuro zitari nke.
• Nubasigurire ukuntu ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwarangutse. Ibisohokayandikiro woshobora gukoresha ni ibi:
Ividewo ivuga ngo La Bible :un récit historique exact, des prophéties dignes de foi (Bibiliya—Inkuru nyakuri n’ubuhanuzi bwo kwizigirwa)
Agatabu Un livre pour tous, ku rupapuro rwa 27-29
• Igihe cose uwo muntu abajije ico Bibiliya yigisha ku bibazo bitandukanye, nimuce muja mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha.
[Uruzitiro ku rup. 6]
Niba umunyamuhana avuze ati: “Sinemera Imana,” woshobora kuvuga uti:
• “Noshobora kugusigurira muri make ikintu canjijuye ko hariho Umuremyi?” Nuce umwereka ivyiyumviro biri mu gitabu Comment raisonner, ku rupapuro rwa 72-74, canke utunganye ivyo kuzomuzanira igisoho- kayandikiro wasomye.
• “Mugabo iyaba hariho Imana, woshima ko imera gute?” Abanyamuhana benshi bishura ko bokwumva bakwegerewe n’Imana y’urukundo, ubutungane n’imbabazi, Imana itagira nkunzi. Numwereke muri Bibiliya ko Imana ifise izo kamere. (Biranashoboka ko ukoresha igitabu Ivyo Bibiliya yigisha ku kigabane ca 1, mugahera ku ngingo ya 6.)
Niba umunyamuhana avuze ati: “Sinemera Bibiliya,” woshobora kuvuga uti:
• “Hari abantu benshi babona ibintu gutyo. Bamwe biyumvira ko Bibiliya atari igitabu kivuga ivya siyansi canke ko ingingo ngenderwako ziri muri yo atari ngirakamaro. Mbwira, woba warigeze gusoma Bibiliya? [Rindira yishure. Nuce umwereka intangamarara iri ku rupapuro rwa 3 mu gatabu Un livre pour tous, maze umuhe ako gatabu.] Bamwe ntibemera Bibiliya kubera ko idini ryagoretse inyigisho zayo. Ninagaruka, tuzoganira ku karorero kari ku rupapuro rwa 4 n’urwa 5.”
• “Si we wenyene ubona ibintu gutyo. Wonkundira nkakwereka ikintu cantangaje ku bijanye na Bibiliya? [Soma Yobu 26:7 canke Yesaya 40:22, aherekana ko Bibiliya ivuga ukuri mu vya siyansi.] Bibiliya kandi irimwo ivyiyumviro biranga ubukerebutsi bifasha imiryango. Ninagaruka, nzokwereka akarorero.”
• “Ndagukengurukiye kuba umbariye ico kintu. Iyaba Imana yarandikiye abantu igitabu, wibaza ko cobaye kirimwo ibiki?” Nuce wereka uwo muntu ikintu kiri muri Bibiliya gihuje n’ivyo yavuze.