Ubutumire budasanzwe
1. Isekeza ryo gutanga ubutumire bw’amahwaniro yo mu 2014 rizotangura ryari?
1 Igihe uriko urategura inzimano zidasanzwe zo guha abagenzi bawe canke umuryango wawe, izisaba akigoro gakomeye be n’amahera menshi kugira zitegurwe, birumvikana ko wotumira abantu ubigiranye umwete mwinshi. Muri ubwo buryo nyene, hari ibikorwa vyinshi vyakozwe mu gutegura inzimano zo mu buryo bw’impwemu zizoshikirizwa ku mahwaniro y’intara na mpuzamakungu yo mu 2014. Hasigaye amayinga atatu ngo ihwaniro tuzokwitaba ribe, tuzoterwa agateka ko gutumira abandi ngo bazoryitabe. Ni igiki kizodufasha gutanga ubwo butumire tubigiranye umwete?
2. Ni igiki kizotuvyurira umutima wo kugira uruhara bimwe bishitse muri iryo sekeza?
2 Tuzovyurirwa umutima wo kugira uruhara bimwe bishitse muri iryo sekeza nitwazirikana ukuntu twebwe ubwacu twungukira ku nzimano zo mu buryo bw’impwemu Yehova aturonsa ku mahwaniro yacu. (Yes. 65:13, 14) Turakwiye kwibuka kandi ko iryo sekeza riba buri mwaka rivamwo ivyiza vyinshi. Hari abantu tuzotumira bazokwitaba ihwaniro hamwe natwe. Yamara, aboryitaba baba ari bangahe, utwigoro tuzogira tubigiranye umwete muri iryo sekeza tuzoninahaza Yehova kandi tuzoba twiganye ubutanzi bwiwe bwa cane.—Zab. 145:3, 7; Ivyah. 22:17.
3. Ubutumire buzotangwa gute?
3 Inama iyo ari yo yose y’abakurambere irakwiye gushinga ingene ishengero ryoshikiriza ubutumire abantu benshi bashoboka, aho hakaba harimwo niba bobusiga ku mihana basanze atari ho bari canke bakabutanga mu busuku bwo ku mugaragaro mu cibare iwabo. Mu mpera z’imishamvu ibinyamakuru bikwiye gushikirizwa biri kumwe n’ubutumire igihe bibereye. Uwa gatandatu wa mbere w’ukwezi ugeze muri mw’isekeza, mukwiye kwibanda ku gutanga ubutumire aho kwibanda ku gutanguza inyigisho za Bibiliya. Isekeza rirangiye, ese ukuntu tuzohimbarwa no kuba tuzi ko twarigizemwo uruhara n’umwete kandi ko twatumiye abantu benshi bashoboka kugira ngo bifatanye natwe ku nzimano zo mu buryo bw’impwemu Yehova yaduteguriye!