ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 6/14 rup. 3-5
  • “Mugumane ingeso nziza mu mahanga”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Mugumane ingeso nziza mu mahanga”
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Ivyo bijanye
  • Ivyibukijwe ku vyerekeye ihwaniro
    Igikorwa dukorera Ubwami—2015
  • Inyifato ininahaza Imana
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Amahwaniro yacu y’intara arashingira intahe ikomeye ukuri
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Imisi itatu y’ukuruhurirwa mu vy’impwemu
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2014
km 6/14 rup. 3-5

“Mugumane ingeso nziza mu mahanga”

1. Ni kubera iki bihambaye ko tugumana ingeso nziza mu gihe c’amahwaniro yimirije?

1 Buri mwaka turakwegera amaso y’abantu mu gihe c’amahwaniro yacu, ku bw’ivyo birahambaye ko biciye ku kuntu twigenza twerekana mu buryo bubereye ko duserukira Imana dusenga. (Lew. 20:26) Imico myiza tugaragaza be n’ukuntu twambara tukongera tukitunganya bikwiye kuturanga vy’ukuri ko turi abayoboke b’ukuri ba Kristu. Igihe tuzoba twitavye amahwaniro y’intara na mpuzamakungu yimirije, twoshobora gute “[kugumana] ingeso nziza mu mahanga” gutyo tukaninahaza Data wa twese wo mw’ijuru?​—1 Pet. 2:12.

2. Ni uturyo utuhe two kugaragaza kamere ziranga abakirisu tuzoronka mu gihe c’ihwaniro?

2 Nugaragaze kamere ziranga abakirisu: Urukundo tugaragarizanya be n’ingene dufata “abo hanze” nta ho bisa bisana n’agatima kiganje muri iyi si. (Kol. 3:10; 4:5; 2 Tim. 3:1-5) Turakwiye kugaragaza ubuntu n’ukwihangana igihe tuvugana n’abakorera kw’ihoteli no kw’iresitora, naho hoba hadutse ingorane.

3. Ni igiki abavyeyi bibukijwe, kandi kubera iki?

3 Abavyeyi barakwiye gucungera cane abana babo mu kibanza kiberamwo ihwaniro, mu maresitora be no kw’ihoteli. (Imig. 29:15) Uwuhagarikiye ihoteli imwe irimwo iresitora yabwiye umugabo n’umugore bubakanye ati: “Mwebwe turabakunda. Imiryango yanyu n’abana banyu bafise imico myiza kandi bari n’indero. Abantu bose bakorera ng’aha barabavuga, kandi ese iyaba buri mpera y’umushamvu mwogiye muraza.”

4. Igihe tuzoba turi mu gisagara kiberamwo ihwaniro, dukwiye kuzokwitwararika gute ukuntu tuboneka?

4 Kwambara rupfasoni: Inyambaro yacu mu gihe c’ihwaniro ikwiye kuba ibereye kandi iranga urupfasoni, ntibe iyigaragaza imideri irenze urugero ikundwa mw’isi. (1 Tim. 2:9) N’igihe tuja canke tuva mw’ihoteli be no mu bihe vyo kwiruhura imbere canke inyuma ya porogarama, turakwiye kwirinda kuboneka nk’abantu bapfa ivyo bavunduruye canke batitaho ibintu. Gutyo tuzohimbarwa no kwambara agakarata karanzi kandi ntituzogira isoni zo gushinga intahe igihe akaryo kabonetse. Ukuntu tuzoba tuboneka be n’ingeso nziza tuzogaragaza igihe tuzoba twitavye amahwaniro yimirije ntibizotuma gusa abantu b’imitima nziraburyarya bakwegerwa ku butumwa burokora ubuzima bwo muri Bibiliya ariko kandi bizotuma Yehova anezerwa.​—Zef. 3:17.

Ivyibukijwe ku vyerekeye Ihwaniro ry’intara ryo mu 2014

◼ Ibihe porogarama izoberako: Ku wa gatanu no ku w’iyinga, porogarama izotangura isaha 2:30 zo mu gitondo, ku musi wa gatandatu na ho izotangura isaha 4:30 zo mu gitondo. Igihe umuziki w’Ubwami wugurura utanguye, twese dukwiye gufata ivyicaro kugira ngo porogarama itangure mu buryo buteye iteka. Ku wa gatanu porogarama izorangira isaha 10:35 zo ku mugoroba, ku wa gatandatu irangire isaha 11:00 zo ku mugoroba, ku w’iyinga na ho irangire isaha 8:05 zo ku muhingamo.

◼ Amahwaniro mpuzamakungu: Mu turere tumwetumwe hazobera amahwaniro mpuzamakungu. Nugumize ku muzirikanyi ko ibiro vy’ishami vyatumiye amashengero kandondwa be n’abashitsi bavuye mu bindi bihugu bimaze guharura vyitonze ibibanza vyo kwicaramwo, ivyo guparikingamwo be n’ivyumba vy’amahoteli bishobora kuboneka. Abantu barashobora kuba ikirenga igihe hari abamamaji bitavye ihwaniro mpuzamakungu batatumiwemwo. Niba, bivanye n’uko ivyawe vyifashe, uzobwirizwa kwitaba ihwaniro atari iryo watumiwemwo, ntukwiye kuja mw’ihwaniro mpuzamakungu.

◼ Ugufatira abandi ibibanza: Dukwiye gufatira ibibanza gusa abo tubana mu nzu, abo twazananye mu muduga canke abo dusanzwe twigana Bibiliya.​—1 Kor. 13:5.

◼ Imfungurwa za sasita: Turabinginze muzoze mwitekereye impamba y’ibifungurwa, aho kuva mu kibanza c’ihwaniro mugiye kurondera ibifungurwa canke kubigura kuri barya babitembereza ku mabarabara mu karuhuko ka sasita.

◼ Intererano: Turashobora kwerekana ko dukenguruka intunganyo zagizwe ku bw’ihwaniro mu gutanga intererano zivuye ku mutima kw’ihwaniro ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose. Amasheki akwiye kuba yanditseko yuko ayo mahera ahabwa ishirahamwe “Association Les Témoins de Jéhovah.”

◼ Imiti: Nimba hari imiti usanzwe ufata, turagusavye uzorabe neza ko wazanye iyikwiye, kuko iyo miti itazoba ihari kw’ihwaniro. Inshinge zikoreshwa n’abarwaye indwara y’igisukari zitegerezwa gutabwa ahagenewe ibintu biteye akaga ntizikwiye gutabwa mu bintu batamwo umwavu biri kw’ihwaniro canke mw’ihoteli.

◼ Kwisiga ibintu bimota: Vyoba biranga urukundo dukoresheje mu buryo buri ku rugero amavuta amota cane be n’amaparufe kuko vyoshobora kumerera nabi abafise ingorane zijanye no guhema canke izindi ngorane nk’izo.​—1 Kor. 10:24.

◼ Udupapuro two kwuzuza hasabwa gukurikirana umuntu yashimishijwe: Agapapuro ko kwuzuza kavuga ngo Turabasavye mukurikirane uwu muntu yashimishijwe (S-43) gakwiye gukoreshwa mu gutanga amakuru yerekeye umuntu uwo ari we wese ashimishijwe igihe dushinze intahe akaryo kizanye mu gihe c’ihwaniro. Udupapuro twujujwe woshobora kuduha abo mu Rwego rujejwe ibitabu canke ukaduha umunyamabanga w’ishengero ryanyu umaze gutaha.

◼ Amaresitora: Nutere iteka izina rya Yehova biciye ku nyifato nziza ugira uri mw’iresitora. Niwambare mu buryo bubereye umusuku mukirisu.

◼ Abitanga bavyishakiye: Uwo wese yipfuza gufasha akwiye gushikira Urwego rw’abitanga bavyishakiye kw’ihwaniro. Abana batarakwiza imyaka 16 barashobora na bo nyene kugira ico baterereye mu gukora bahagarikiwe n’umuvyeyi canke umurezi, canke uwundi muntu akuze yavyemerewe n’uwo muvyeyi canke uwo murezi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika