ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 5/14 rup. 4
  • Ingene twotanguza ibiyago

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene twotanguza ibiyago
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Ivyo bijanye
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2014
km 5/14 rup. 4

Ingene twotanguza ibiyago

Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Ruheshi

“Tubagendeye gatoyi kugira ngo tuyage kuri iki kibazo gishimishije.” [Numwereke ikibazo ca mbere ku rupapuro rwa nyuma rw’Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruheshi.] Uvyiyumvirako iki?” Rindira yishure. Nimurabire hamwe ibivugwa munsi y’ico kibazo mwongere murabe n’imiburiburi kimwe mu vyanditswe vyatanzwe. Numushikirize ibinyamakuru hanyuma muvugane umusi wogaruka kugira muganire ikibazo gikurikira.

Umunara w’Inderetsi 1 Ruheshi

“Itabi ryica abantu nka 6.000.000 buri mwaka. Woba wibaza ko hari icokorwa kugira ngo ako karanda kagabanuke? [Rindira yishure.] Abantu benshi barahevye kunywa itabi burundu kubera ko barimbuye ukuntu Imana ibibona. Nk’akarorero, iki canditswe co muri Bibiliya caratumye bamwe biyumvira ukuntu kunywa itabi bigirira nabi abandi. [Soma 1 Abakorinto 10:24.] Iki kinyamakuru kirerekana ingene kurimbura ukuntu Imana ibona itabi bishobora gutuma umuntu ariheba.”

Be maso! Ruheshi

“Ibibanza vyo kuri Internet abantu bashirako amakuru aberekeye (réseaux sociaux) vyaratumye abantu bashobora kuronka abitwa ngo ni abagenzi kuruta uko vyahora. Wovuga ko ari kamere ihambaye iyihe iranga umugenzi nyakuri? [Rindira yishure.] Raba impanuro ngirakamaro dusanga muri Bibiliya ku bijanye n’ubugenzi. [Soma Yakobo 1:19.] Iki kinyamakuru kirerekana ivyiyumviro bine twokwisunga vyodufasha kuba abantu abandi boshima ko bababera abagenzi.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika