ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 7/14 rup. 2
  • Yehova ambona gute?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova ambona gute?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Ivyo bijanye
  • Koresha neza icirore
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Gumana “urukundo wari ufise ubwa mbere”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ibintu indwi vyogufasha kwungukira ku busomyi bwa Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ingene twoguma dufise agatima ko kwitanga
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2014
km 7/14 rup. 2

Yehova ambona gute?

1. Ni gute Bibiliya imeze nk’icirore?

1 Ku musi wiraba mu cirore kangahe? Benshi muri twebwe biraba imisi yose kubera ko ivyo bidufasha kubona aho tworyohora. Bibiliya yagereranijwe n’icirore. Gusoma Ijambo ry’Imana biradufasha kubona ukuntu tumeze imbere, ni ukuvuga ukuntu Yehova atubona. (1 Sam. 16:7; Yak. 1:22-24) Ijambo ry’Imana rirashobora “gutahura ivyiyumviro n’imigabo vy’umutima.” (Heb. 4:12) Ni gute gusoma Bibiliya buri musi no kuzirikana ku vyo dusoma bidufasha kubona imice dukwiye gukomeza kugira ngo turushirize kuroranirwa mu gikorwa cacu co kwamamaza?—Zab. 1:1-3.

2. Bibiliya yodufasha gute kwisuzuma?

2 Nukoreshe Bibiliya nk’icirore: Inkuru zo muri Bibiliya z’abasavyi ba Yehova b’abizigirwa ziratwigisha kamere zihimbara Yehova. Nk’akarorero, Dawidi yaragaragarije umwete izina ry’Imana. (1 Sam. 17:45, 46) Yesaya abigiranye umutima rugabo yaritanze araja kwamamaza mu karere kari kagoye. (Yes. 6:8, 9) Urukundo rugera kure Yezu yakunda Se wiwe wo mw’ijuru rwaratuma abona ko ubusuku ari ikintu kiruhura kandi gituma umuntu ashira akanyota aho kuba umuzigo. (Yoh. 4:34) Abakirisu bo mu kinjana ca mbere baramamaza n’umwete, bakiheka kuri Yehova kandi bari biyemeje kudateshwa ngo bate. (Ivyak. 5:41, 42; 2 Kor. 4:1; 2 Tim. 4:17) Kuzirikana kuri mwene ubwo burorero biradufasha kwiraba dufise intumbero yo gutuma umurimo mweranda turangura urushiriza kumera neza.

3. Ni kubera iki tudakwiye kuba ba nzobandabikora ku bijanye no gihindura ibikenewe?

3 Nukosore utunenge: Mu vy’ukuri, nta co vyotumarira kwiraba mu cirore maze tugaca twirengagiza akanenge twabonye. Turashobora gusaba Yehova ngo adufashe kwibona uko turi koko yongere adufashe guhindura ibikenewe. (Zab. 139:23, 24; Luka 11:13) Kubera ko igihe gisigaye ari kigufi kandi tukaba dushobora kuhasiga ubuzima, ntidukwiye kuba ba nzobandabikora ku bijanye no gihindura ibikenewe.​—1 Kor. 7:29; 1 Tim. 4:16.

4. Bigendera gute umuntu yihweza mw’Ijambo ry’Imana maze akagira ico akoze ku bijanye n’ivyo yabonye?

4 Ukuntu umuntu ameze imbere muri we, ni ukuvuga ukuntu Yehova amubona, birahambaye cane kuruta ukuntu aboneka inyuma. (1 Pet. 3:3, 4) Bigendera gute umuntu yihweza mw’Ijambo ry’Imana maze agaca ashira mu ngiro ivyo yabonye? ‘Ntaba uwumva akibagira, mugabo aba uwukora igikorwa, kandi azoba uwuhiriwe mu vyo akora.’ (Yak. 1:25) Egome, tuzoba abasuku bahiriwe kandi baroranirwa kubera ko “twerekana nk’ivyirore ubuninahazwa bwa Yehova.”​—2 Kor. 3:18.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika