ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 7/14 rup. 4
  • Ingene twotanguza ibiyago

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene twotanguza ibiyago
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Ivyo bijanye
  • Nugakoreshe igihe cose
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Nukoreshe ka gapapuro gashasha kerekeye umuhora wacu
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2015
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2014
km 7/14 rup. 4

Ingene twotanguza ibiyago

Twokura he inyishu z’ibibazo bihambaye vyerekeye ubuzima?

Niwereke umunyamuhana ako gapapuro k’inkuru nziza kugira ngo abone umutwe wako maze uce uvuga uti: “Ndabaramukije. Turiko turagira uruhara mw’isekeza ririko riraba kw’isi yose ryo gushikiriza ubu butumwa buhambaye. Ubwawe ng’ubu.”

Nimba usize ako gapapuro k’inkuru nziza ku muhana atari ho bari, nugashire ahantu hatabonwa n’abahita kandi wirinde kukazinga bidakenewe.

Umunyamuhana ashimishijwe canke yipfuza ko muganira, woshobora kumubaza ico yiyumvira ku kibazo kiri ku rupapuro rwa mbere rw’ako gapapuro k’inkuru nziza gisaba gutanga inyishu imwe mu zatanzwe. Nuzingurure ako gapapuro k’inkuru nziza maze umwereke ico muri Zaburi 119:144, 160 havuga. Numusigurire ko ako gapapuro k’inkuru nziza karimwo amakuru yerekeye umuhora woshobora kumufasha kuronka muri Bibiliya inyishu zimara akanyota z’ibibazo bihambaye. Kumbure woshobora kumuha akarorero mu kumwereka ya videwo ivuga ngo Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya? Imbere y’uko ugenda, numwereke ibibazo bitatu biri ku rupapuro rwa nyuma rw’ako gapapuro k’inkuru nziza uce umubaza ikimuraje ishinga cane muri vyo. Numusabe uze ugaruke kugira ngo umwereke ingene yoronka inyishu Bibiliya itanga kuri ico kibazo akoresheje jw.org. Ugarutse, nimurondere inyishu muciye ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA.

Nimba muriko kandi murashikiriza ubutumire bw’ihwaniro ryanyu ry’akarere, nuhe umunyamuhana ubutumire igihe nyene umuhaye agapapuro k’inkuru nziza maze wongereko uti: “N’ikindi kandi, twaguhaye ubutumire bw’ikoraniro twimirije kugira kandi kwinjira ni ku buntu.”

Umunara w’Inderetsi 1 Myandagaro

Mu mpera z’imishamvu, igihe bibereye, nuvuge gutya mu gushikiriza Umunara w’Inderetsi: “Twagomba kandi kuguha ibinyamakuru vyacu biheruka gusohoka. Iki kinyamakuru Umunara w’Inderetsi kirishura iki kibazo kivuga ngo Imana yoba ikwitwararika?”

Be maso! Myandagaro

Mu mpera z’imishamvu, igihe bibereye, nuvuge gutya mu gushikiriza Be maso!: “Twagomba kandi kuguha ibinyamakuru vyacu biheruka gusohoka. Iki kinyamakuru Be maso! kirishura iki kibazo kivuga ngo Ni igiki cofasha abantu gusubiza hamwe?”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika