Nukoreshe ka gapapuro gashasha kerekeye umuhora wacu
Ako gapapuro k’inkuru nziza kitwa Twokura he inyishu z’ibibazo bihambaye vyerekeye ubuzima? Hariho ibibazo bitatu biri inyuma kuri ko. Akaryo kabonetse, nubaze umuntu ikibazo abona ko kimushimisha cane maze uce umwereka ku muhora wacu ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA kugira aronke inyishu. Kuri uwo muhora arahasanga kandi inyishu z’ibibazo nk’ibi: Ubwami bw’Imana ni iki? Ubwami bw’Imana buzokora iki?
Nugumize hafi utwo dupapuro tw’inkuru nziza kugira ngo ufashe abantu kumenya ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye na kazoza keza twiteze igihe tuzoba tuganzwa n’Ubwami bw’Imana.