Ingene twotanguza ibiyago
Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Nyakanga
“Abantu benshi baremera ko abamarayika babaho. Nawe uravyemera? [Rindira yishure.] Kubera ko abamarayika ari ibiremwa vy’impwemu, bafise inguvu nyinshi. Ariko wibaza ko bashobora kudufasha? Bibiliya iratwereka ukuntu bafasha abantu muri iki gihe.” Numwereke urupapuro rwa nyuma rw’Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nyakanga, maze murabire hamwe ibivugwa munsi y’ikibazo ca mbere mwongere murabe n’imiburiburi kimwe mu vyanditswe vyatanzwe. Numushikirize ibinyamakuru hanyuma muvugane umusi wogaruka kugira muganire ikibazo gikurikira.
Umunara w’Inderetsi 1 Nyakanga
“Wibaza ko abantu boba bariko baronona isi ubutakivayo? [Rindira yishure.] Naho umuntu adafise ubushobozi bwo gusanura ivyo yononye, Bibiliya iratubwira ko Imana ibufise kandi ko ivyipfuza. Ehe raba ikintu kidukura amazinda dusanga muri Zaburi 65:9. [Soma.] Iki kinyamakuru Umunara w’Inderetsi kirerekana ukuntu Imana izosanura iyi si be n’ukuntu natwe tuzokwungukira kuri iyo mihezagiro yo muri kazoza. Nokigusigira ngo ugisome?”
Be maso! Nyakanga
“Abantu benshi babona ko bakoreshwa cane n’abakoresha babo kandi ntibabona uko bari bubigenze. Abahinga bavuga ko ibikorwa vyinshi bishobora gutuma umuntu ahakwa kwicwa n’uburuhe, ivyo bikaba bishobora kugirira nabi umuntu mu bwenge no mu nyiyumvo. Wibaza ko ari igiki cofasha umuntu kugira uburimbane mu buzima? [Rindira yishure.] Ehe raba uwu murongo wo muri Bibiliya utuma umuntu azirikana. [Soma Umusiguzi 4:6.] Iki kinyamakuru kirasigura ibintu ngirakamaro bine twokora kugira ngo tureke kwicwa n’umuruho.”