Igikoresho c’ubushakashatsi
Abamamaji amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi baramaze igihe bungukira ku kugira ubushakashatsi mu gitabu c’ironderero Index des publications des Témoins de Jéhovah. Yamara, bitumwe n’uko ico gitabu kirimwo utuntu twinshi cane, kiboneka gusa mu ndimi nkeyi. Ni co gituma hateguwe Igitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova mu ndimi nka 170. Ibisohokayandikiro vyerekanwa mu marabiro muri ico gitabu ni ivyo kuva mu mwaka wa 2000 kuduga. Ku bijanye n’indimi zisanzwe zifise igitabu Index, ico Gitabu c’ubushakashatsi kiboneka gusa mu buhinga bwa elegitoronike, ni ukuvuga muri ca cegeranyo c’amayagwa yo mu bitabu vyacu Watchtower Library be no muri ca Cegeranyo c’ibitabu co kuri internet ca Watchtower. Ico Gitabu c’ubushakashatsi kizogufasha kuronka inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya, kuronka amakuru wokwikorako wewe ubwawe no gutegura amakoraniro y’ishengero be n’ugusenga kwo mu muryango.