Kuyobora inyigisho za Bibiliya zitera imbere
1. Abamamaji bayobora inyigisho za Bibiliya bafise ibanga irihe?
1 Nta muntu ashobora gucika umusavyi wa Yehova ‘atamukwegereye.’ (Yoh. 6:44) Naho ari ukwo, abamamaji bayobora inyigisho za Bibiliya bategerezwa gushitsa uruhara rwabo rwo gufasha abantu kwiyegereza Se wabo wo mw’ijuru. (Yak. 4:8) Ivyo bisaba kwitegura. Gusoma gusa ingingo imwimwe yose be no kubaza ikibazo canditse mu gitabu ntibihagije kugira ngo dufashe inyigisho zacu gutahura neza ubutumwa no gutera imbere.
2. Ni ibiki twokora kugira ngo inyigisho zacu zitere imbere?
2 Kugira ngo inyigisho za Bibiliya zitere imbere, abamamaji bakwiye kuzifasha (1) gutahura ivyo Bibiliya yigisha, (2) kuvyemera be no (3) kubishira mu ngiro. (Yoh. 3:16; 17:3; Yak. 2:26) Bishobora gutwara amezi n’ayandi kugira tubafashe gutera izo ntambwe. Ariko rero, igihe cose umutohoji ateye intambwe iyo ari yo yose muri izo, aba ariko aratera imbere mu bucuti afitaniye na Yehova yongera yegereza ku kumwiyegurira.
3. Ni kubera iki abigisha beza babaza abo bigisha utubazo dutuma baserura iryo bagona?
3 Uwo twigana Bibiliya yiyumvira iki?: Kugira ngo tumenye nimba uwo twigana Bibiliya atahura ivyo ariko ariga kandi akavyemera, turakwiye kwirinda kwihariza ijambo, ahubwo tukamuremesha guserura iryo agona. (Yak. 1:19) Yoba atahura ivyo Bibiliya ivuga ku ciyumviro muriko murarimbura? Yoba ashobora kubisigura mu majambo yiwe bwite? Ivyo yize abibona gute? Yoba yemera ko ivyo Bibiliya yigisha ari ukuri? (1 Tes. 2:13) Yoba atahura ko ivyo yiga bikwiye gutuma agira ivyo ahinduye mu buzima bwiwe? (Kol. 3:10) Kugira ivyo tubimenye, turakeneye kumubaza tubigiranye ukwiyubara utubazo dutuma aserura iryo agona kandi tukamutega yompi.—Mat. 16:13-16.
4. Twokora iki mu gihe uwo twigisha Bibiliya bimugora gutahura ivyo ariko ariga canke kubishira mu ngiro?
4 Akenshi usanga ingeso umuntu afise be n’ivyiyumviro vyiwe vyarashinze imizi muri we ku buryo bifata igihe kugira bimuvemwo. (2 Kor. 10:5) Bite ho mu gihe uwo twigisha atemeye ivyo turiko turamwigisha canke ntabe ashira mu ngiro ivyo yiga? Tuba dukeneye kwihangana kugira ngo Ijambo ry’Imana n’impwemu nyeranda bironke umwanya uhagije wo kumukora ku mutima. (1 Kor. 3:6, 7; Heb. 4:12) Igihe bimugora gutahura canke gushira mu ngiro inyigisho kanaka yo muri Bibiliya, akenshi birarushiriza kuba vyiza mugiye ku kindi ciyumviro aho kugerageza kuyimwumvisha ku nguvu. Uko tubandanya kumwigisha Bibiliya tubigiranye ukwihangana n’urukundo, impera n’imperuka yoshobora kuvyurirwa umutima wo guhindura ibikenewe.