Nusangire n’abandi “ibintu vyiza” mu kuba umwakiranyi (Mat. 12:35a)
Nta gukeka ko twese twipfuza gusangira n’abandi “ibintu vyiza” mu gukurikira “inzira y’ubwakiranyi.” (Rom. 12:13) Abakurambere baratunganya ivy’uko abashikirizansiguro b’abashitsi bagaragarizwa ubwakiranyi kandi bagasubizwa amahera barishe mu kwiyunguruza. Ariko rero, hari aho twebwe ubwacu twogonanwa kugaragaza ubwakiranyi kubera dufise uburyo buke, canke tugahagarika umutima ku bijanye no gutumira abandi iwacu. Kwibuka impanuro Yezu yahaye Marita birashobora kudufasha gutsinda izo nyiyumvo. (Luka 10:39-42) Yashimitse ku vy’uko “umugabane mwiza” w’ubwakiranyi ari ubugenzi n’ukuremeshanya, aho kuba ibifungurwa bihanitse canke inzu isharijwe neza. Dushize mu ngiro iyo mpanuro, twese turashobora gusangira n’abavukanyi bacu “ibintu vyiza” nk’uko bivugwa mw’Ijambo ry’Imana.—3 Yoh. 5-8.