Ingene twotanguza ibiyago
Vyerekeye isekeza ryo gutanga ubutumire bw’Icibutso
“Turiko turatanga ubu butumire bw’urubanza ruhambaye cane. Ku wa 3 Ndamukiza, abantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi bazokorana kugira bibuke urupfu rwa Yezu Kristu kandi bazokwumviriza ku buntu insiguro ivuga igituma urupfu rwiwe rutugirira akamaro. Ubu butumire burerekana ikibanza be n’umwanya iryo koraniro rizoberako aha iwacu.”
Umunara w’Inderetsi 1 Ntwarante
“Kw’igenekerezo rya 3 Ndamukiza ni umusi wo kwibuka urupfu rwa Yezu Kristu. Hari bamwebamwe ng’aha mu karere kacu bazohurira hamwe ngo bahimbaze uwo musi, yamara hari abandi babona ko urupfu rwa Yezu rutagira akamaro. Weho ivyo uvyiyumvirako iki? Woba ubona ko urupfu rwa Yezu be n’izuka ryiwe bitugirira akamaro? [Rindira yishure.] Raba ico Ijambo ry’Imana rivuga kuri ivyo. [Soma 1 Abakorinto 15:22, 26.] Iki kinyamakuru kirasigura ikintu ciza kizoshoboka kubera inkuka y’incungu ya Yezu, ico na co kikaba ari uko hazogera igihe aho ata n’umwe azosubira gupfa.”
Be maso! Ntwarante
“Turiko turagendera gatoyi ababanyi bacu kugira tubereke ikinyamakuru Be maso! gishasha. [Numwereke igipfukisho.] Umuntu wese arafise ukuntu yokwishura iki kibazo ca mbere: ‘Imana yoba ibaho?’ Hagati y’abemera ko Imana ibaho n’abatemera ko ibaho, wewe ubona ari bande babona kazoza mu buryo bwiza? [Rindira yishure.] Ehe raba umuhango Imana itanga utuma abantu benshi bagira icizigiro. [Soma Zaburi 37:10, 11.] Iki kinyamakuru kirerekana imvo zine zotuma turondera kumenya nimba Imana ibaho canke itabaho.”