Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Niwame ushira abantu ibinyamakuru
Igituma bihambaye: Abantu benshi bakunda gusoma ibinyamakuru vyacu usanga batipfuza ko twigana Bibiliya. Bashobora kuba batipfuza guhindura idini canke bakaba babona ko ata mwanya boronka wo kwiga. Ariko, uko baguma basoma ibinyamakuru vyacu, boshobora gucambirwa Ijambo ry’Imana. (1 Pet. 2:2) Hari igihe hogira ikiganiro kibakora ku mutima, canke ivyabo bigahinduka. Kwama tuza turabagendera gatoyi bizotuma tuba abagenzi kandi bizodufasha kumenya ibibashimisha n’ibibaraje ishinga. Amaherezo, boshobora gutangura kwiga Bibiliya.
Muri uku kwezi nugerageze iki kintu:
Nugire urutonde rw’abantu wokwama ushira ibinyamakuru. Nubashire ibinyamakuru biheruka gusohoka maze ubabwire ko uzobazanira n’ibindi bizosohoka.