Ingene twotanguza ibiyago
Umunara w’Inderetsi 1 Ndamukiza
“Uno musi turiko turaha abantu bo muri kano karere aka gapapuro k’inkuru nziza. [Nuhe umunyamuhana agapapuro k’inkuru nziza Ubona gute Bibiliya? uce umubaza ibibazo biri ku rupapuro rwa mbere. Numwereke inyishu Bibiliya itanga muri 2 Timoteyo 3:16, hanyuma umuremeshe kuzosoma ako gapapuro niyaronka akanya.] Abantu benshi ntibazi ko Bibiliya itanga inyishu zitomoye z’ibibazo nk’ibi. [Numwereke ibibazo biri mu ntango y’ikiganiro ca mbere co mu Munara w’Inderetsi.] Iki kinyamakuru kirerekana ingene woronka inyishu z’ivyo bibazo muri Bibiliya yawe.”
Be maso! Ndamukiza
“Twari tubagendeye gatoyi ngo tuyage ukuntu abantu benshi barajwe ishinga n’ingene ibintu vyahindutse mu ngo. Mu myaka iheze, abavyeyi ni bo bari bafise ijambo mu rugo, ariko ubu, mu ngo zimwezimwe biboneka ko abana ari bo bategeka. Wibaza ko ubu abavyeyi boba batoza indero abana nk’uko vyategerezwa? [Rindira yishure.] Bibiliya irerekana ko gutoza indero abana ari ikintu gihambaye. [Soma Imigani 29:17.] Iki kinyamakuru kirerekana impanuro Bibiliya itanga ku bijanye no gutoza indero abana mu buryo bwiza.”