ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 4/15 rup. 1
  • Nukoreshe neza umwanya wawe mu busuku

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nukoreshe neza umwanya wawe mu busuku
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2015
  • Ivyo bijanye
  • Woba uriko urarangura ubusuku bwawe bimwe bishitse?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Nukoreshe Neza Umwanya Wawe
    Igikorwa dukorera Ubwami—1999
  • Dushinge intahe inzu ku nzu
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Woba wogira uruhara mu kwamamaza ku mugoroba?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2015
km 4/15 rup. 1

Nukoreshe neza umwanya wawe mu busuku

Mu mwaka w’umurimo wa 2014 Ivyabona vya Yehova bamaze amasaha 1.945.487.604 bari mu busuku, ico kikaba ari ikimenyamenya c’uko twiyemeje kuguma dukora vyinshi mu murimo wa Yehova. (Zab. 110:3; 1 Kor. 15:58) Kubera ko “igihe gisigaye [ari] kigufi,” vyoba bishoboka ko dukoresha umwanya wacu w’agaciro twageneye indimiro mu kuganira n’abantu benshi bashoboka?​—1 Kor. 7:29.

Gukoresha neza umwanya wacu mu busuku bisaba guhuza n’uko ibintu vyifashe. Nk’akarorero, nimba ukunze kumara isaha canke irenga ata muntu n’umwe muyaga igihe uba uri mu muce kanaka w’ubusuku, ubona gute ugize ivyo uhinduye ukarondera abandi bantu mwoba murayaga? Ego ni ko, uko ibintu vyifashe ng’aha si ko vyifashe hariya. Yamara, amagirenama akurikira yoshobora kugufasha gukoresha umwanya wawe neza ku buryo ‘udakubita ikirere.’​—1 Kor. 9:26.

  • Kwamamaza inzu ku nzu: Haraciye imyaka myinshi abamamaji bamamaza inzu ku nzu mu masaha yo mu gitondo. Ariko rero, kubera ko abantu benshi usanga baba bari ku kazi ku murango, ubwo ntitwogerageza kwamamaza inzu ku nzu ku muhingamo canke ku mugoroba, igihe abantu benshi baba bari muhira? Ku murango, kwamamaza mu mabarabara canke ahakorerwa ivy’ubudandaji vyoba vyiza kuruta.

  • Kwamamaza ku mugaragaro: Amameza na twa tuntu dufise amapine bikwiye gushirwa ahari uruja n’uruza mu cibare c’ishengero ryanyu. (Raba Igikorwa dukorera Ubwami co muri Mukakaro 2013, rup. 5.) Nimba uruja n’uruza rwaragabanutse mu kibanza mwamamazamwo ku mugaragaro, Komite y’umurimo y’ishengero yoshobora guhitamwo kwimurira ako kantu k’amapine canke iyo meza mu kindi kibanza kirimwo uruja n’uruza.

  • Amasubirayo n’inyigisho za Bibiliya: Woba woshobora gutegekanya kugira amasubirayo no kuja kuyobora inyigisho za Bibiliya mu mwanya bitoroshe kuronka abantu mu yindi mice y’ubusuku? Nk’akarorero, nimba ugiye kwamamaza inzu ku nzu ku wa gatandatu mu gitondo ari ho woronka abantu, ubona gute ugiye kuyobora inyigisho za Bibiliya inyuma ya sasita canke ku mugoroba? Igihe co kugira amasubirayo, abamamaji basohokanye ubwo ntivyoba vyiza bategekanije kuraba abantu baba mu gace kamwe imbere y’uko baja kuraba ababa mu kandi gace?

Naho duharura umwanya wose tuba twamaze mu busuku, umunezero wacu urongerekana igihe tuba twarondeye kuganira n’abantu benshi bashoboka. Nimba ubonye ko umuce kanaka w’ubusuku utavamwo ivyiza mu kiringo kanaka c’umusi, nugerageze uwundi muce. Nusenge Yehova, we “Mukuru w’iyimbura,” umusaba ubuyobozi kugira ushobore gukoresha neza umwanya wawe mu busuku.​—Mat. 9:38.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika