ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 4/15 rup. 5-6
  • Ivyibukijwe ku vyerekeye ihwaniro

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyibukijwe ku vyerekeye ihwaniro
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2015
  • Ivyo bijanye
  • “Mugumane ingeso nziza mu mahanga”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Inyifato ininahaza Imana
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Imisi itatu y’ukuruhurirwa mu vy’impwemu
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Amahwaniro yacu y’intara arashingira intahe ikomeye ukuri
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2015
km 4/15 rup. 5-6

Ivyibukijwe ku vyerekeye ihwaniro

  • Amasaha ihwaniro rizoberako: Ku wa gatanu no ku wa mungu, porogarama izotangura isaha 2:30 zo mu gitondo, ku wa gatandatu na ho izotangura isaha 4:30 zo mu gitondo. Igihe bavuze ko tugira twumvirize umuziki w’Ubwami wugurura, twese dukwiye gufata ivyicaro kugira ngo porogarama itangure mu buryo buteye iteka. Ku wa gatanu porogarama izorangira isaha 10:35 zo ku mugoroba, ku wa gatandatu irangire isaha 11:00 zo ku mugoroba, ku wa mungu na ho irangire isaha 8:05zo ku muhingamo.

  • ‘Nuhaye Yehova n’ururirimbo’: Abasavyi b’Imana ba kera barahaya Yehova mu kuririmba, kandi umuziki urabandanya kuba igice gihambaye kigize ugusenga kwacu muri iki gihe. (Zab. 28:7)Igice cose c’ihwaniro ryacu ry’akarere gitangurwa n’umuziki. Uwo muziki si uwupfa kuvuzwa gusa, ariko utegurwa kugira ngo udufashe kwiga ivyerekeye Yehova no kumusenga. Ku bw’ivyo, igihe uwuhagarikiye ikiringo atumenyesheje ko umuziki w’intango ugira utangure, kiba ari igihe c’uko twicara tukumviriza uwo muziki tubigiranye ugukenguruka, aho kuguma tuganira. Ivyo tubigize tuba twerekanye ko duha agaciro utwigoro tw’abagize umugwi w’abacuraranzi wa Watchtower. Kabiri mu mwaka, abo bavukanyi na bashiki bacu baririhira itike bakaja i Patterson muri New York kuducurarangira umuziki uryoheye ugutwi. Duhejeje kwumviriza twitonze uwo muziki w’intango, twese turakwiye guca duhuriza amajwi hamwe mu guhaya Yehova n’indirimbo z’Ubwami.

  • Ugufatira abandi ibibanza: Dukwiye gufatira ibibanza gusa abo tubana mu nzu, abo twazananye mu muduga canke abo dusanzwe twigana Bibiliya.​—1 Kor. 13:5.

  • Kwambara rupfasoni: Inyambaro yacu mu gihe c’ihwaniro ikwiye kuba ibereye kandi iranga urupfasoni, ntibe iyigaragaza imideri irenze urugero ikundwa mw’isi. (1 Tim. 2:9) No mu bihe vyo kwiruhura imbere canke inyuma ya porogarama, turakwiye kwirinda kuboneka nk’abantu bapfa ivyo bavunduruye canke batitaho ibintu. Gutyo tuzohimbarwa no kwambara agakarata karanzi kandi ntituzogira isoni zo gushinga intahe igihe akaryo kabonetse. Ukuntu tuzoba tuboneka be n’ingeso nziza tuzogaragaza igihe tuzoba twitavye amahwaniro yimirije ntibizotuma gusa abantu b’imitima nziraburyarya bakwegerwa ku butumwa burokora ubuzima bwo muri Bibiliya ariko kandi bizotuma Yehova anezerwa.​—Zef. 3:17.

  • Kwitwararika abandi igihe ukoresha ivyuma vya elegitoronike: Turagaragaza ko twitwararika abandi mu kiringo ca porogarama mu kuregera telefone zacu canke ibindi vyuma vya elegitoronike ku buryo bidasamaza abandi. Igihe dufotora canke dukamera, twaba dukoresha icuma ikihe, turakwiye kwitwararika abandi mu kutabakingira. Turagaragaza kandi ko twitwararika abandi mu kutandika ubutumwa kuri telefone canke kuri internet bidakenewe mu kiringo ca porogarama.

  • Imfungurwa za sasita: Turabinginze muzoze mwitekereye impamba y’ibifungurwa, aho kuva mu kibanza c’ihwaniro mugiye kurondera ibifungurwa canke kubigura kuri barya babitembereza ku mabarabara mu karuhuko ka sasita.

  • Intererano: Turashobora kwerekana ko dukenguruka intunganyo zagizwe ku bw’ihwaniro mu gutanga intererano zivuye ku mutima kw’ihwaniro ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose. Amasheki akwiye kuba yanditseko yuko ayo mahera ahabwa ishirahamwe “Association Les Témoins de Jéhovah.”

  • Imiti: Nimba hari imiti usanzwe ufata, turagusavye uze urabe ko wazanye iyikwiye, kuko iyo miti itazoba ihari kw’ihwaniro. Inshinge zikoreshwa n’abarwaye indwara y’igisukari zitegerezwa gutabwa ahagenewe ibintu biteye akaga, ntizikwiye gutabwa mu bintu batamwo umwavu biri kw’ihwaniro canke mw’ihoteli.

  • Kwisiga ibintu bimota: Vyoba biranga urukundo dukoresheje mu buryo buri ku rugero amavuta amota cane be n’amaparufe kuko vyoshobora kumerera nabi abafise ingorane zijanye no guhema canke izindi ngorane nk’izo.​—1 Kor. 10:24.

  • Udupapuro two kwuzuza hasabwa gukurikirana umuntu yashimishijwe: Agapapuro ko kwuzuza kavuga ngo Turabasavye mukurikirane uwu muntu yashimishijwe (S-43) gakwiye gukoreshwa mu gutanga amakuru yerekeye umuntu uwo ari we wese ashimishijwe igihe dushinze intahe akaryo kizanye mu gihe c’ihwaniro. Udupapuro twujujwe woshobora kuduha abo mu Rwego rujejwe ibitabu canke ukaduha umunyamabanga w’ishengero ryanyu umaze gutaha.

  • Amaresitora: Nutere iteka izina rya Yehova biciye ku nyifato nziza ugira uri mw’iresitora. Niwambare mu buryo bubereye umusuku mukirisu.

  • Abakora bavyishakiye: Uwo wese yipfuza gufasha akwiye gushikira Urwego rujejwe abakora bavyishakiye kw’ihwaniro. Abana batarakwiza imyaka 16 barashobora na bo nyene kugira ico baterereye mu gukora bahagarikiwe n’umuvyeyi canke umurezi, canke uwundi muntu akuze yavyemerewe n’uwo muvyeyi canke uwo murezi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika