Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Kwamamaza mu bibanza bikorerwamwo ivy’ubudandaji
Igituma bihambaye: Kubera ko abantu benshi bamara umwanya muremure bari ku kazi, uburyo bwiza kuruta bwo kubaronka kugira ngo tubabwire inkuru nziza y’Ubwami ni ukubasanga aho bakorera. Kwamamaza mu bibanza vy’ubudandaji birashobora kuba ibiteye umunezero kandi bikavamwo ivyiza kuko abadandaza tutabaronka i muhira kandi akenshi bakaba bakirana urupfasoni abantu babona ko bashobora kubashorera. Kugira ngo bigende neza, abamamaji bategerezwa kwiyubara kandi bakwiye kwambara no kwitunganya mu buryo bwiza. (2 Kor. 6:3) Ku bw’ivyo, umucungezi w’umurimo akwiye gukurikirana incuro ibibanza vy’ubudandaji bikorerwamwo be n’ababikoreramwo.
Muri uku kwezi nugerageze iki kintu:
Ku mugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango kwanyu ukurikira nimwimenyereze ukuntu mwotanguza ikiyago muri make hamwe mwokwamamaza mu bibanza bikorerwamwo ivy’ubudandaji.