ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 9/15 rup. 2
  • Niwigane ukwizera kwabo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwigane ukwizera kwabo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2015
  • Ivyo bijanye
  • Ikete rivuye ku Nama Nyobozi
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • ‘Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • “Carandonkeje ivyo nkeneye mu mutima”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ingene Ivyanditswe vyogukomeza
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2015
km 9/15 rup. 2

Niwigane ukwizera kwabo

1. Guhera ku ndwi yo ku wa 19 Gitugutu tuzotangura kwiga igitabu ikihe mu Nyigisho ya Bibiliya y’ishengero?

1 Guhera ku ndwi yo ku wa 19 Gitugutu 2015, mu Nyigisho ya Bibiliya y’ishengero tuzotangura kwiga igitabu Niwigane ukwizera kwabo. Ico gitabu kirimwo inkuru zo muri Bibiliya zivuga ibijanye n’ukwizera kw’abagabo n’abagore 14. Kizivuga mu buryo butuma tubona mu bwenge abo bantu babaye intahemuka, kikadufasha kubona ko ari abantu babayeho koko bahuye n’ingorane igihe bariko basukurira Yehova. Ico gitabu kiradufasha kandi kubona ivyigwa twokura muri izo nkuru kugira ngo tubishire mu ngiro ubwacu muri iki gihe.​—Heb. 6:12.

2. Vuga ibintu bimwebimwe bigize igitabu Niwigane ukwizera kwabo.

2 Ibigize ico gitabu: Kirimwo amakarata be n’umurongo werekana ibihe kugira ngo bidufashe kumenya igihe uwuriko aravugwa yabayeho be n’aho yaba. Vyongeye, buri kigabane kirafise agace kavuga ngo “Zirikana kuri ibi bintu,” kakaba kadufasha kuzirikana kuri izo nkuru no gushira mu ngiro ivyigwa ngirakamaro twize. Ico gitabu kirafise kandi amafoto menshi meza y’amabara, yerekana utuntu tw’ido n’ido kandi yagiriwe ubushakashatsi bwitondewe, akaba atuma tubona mu bwenge iyo nkuru.

3. Dushobora gukora iki kugira ngo twungukire ku kwiga ico gitabu?

3 Ukuntu wocungukirako: Ikete ry’Inama Nyobozi riri mu ntango rituremesha riti: “Nukoreshe ububasha bwawe bwo kwiyumvira; nushiremwo ubushobozi bwawe bwose bwo kumenya ibidukikije. Nugerageze kwiyumva nk’uko abo bantu bavugwa muri Bibiliya biyumva, ubone ivyo babona. Nugereranye ukuntu bavyifashemwo mu bihe binaka n’ukuntu wewe wari kuvyifatamwo.” Ego niko, gukoresha ububasha bwacu bwo kwiyumvira ntibisigura kwiyumvira n’ibitavuzwe, ahubwo bisigura kumera nk’uwubona mu bwenge ico iyo nkuru yahumetswe ivuga be no kwishira mu kibanza c’abavugwa. Kubigira gutyo bisaba umwanya no kuzirikana. (Neh. 8:8) Nimba igice kirimburwa gitangurira hagati mu kigabane, uwuyobora azotangura mu kugira isubiramwo rimara amasegunda 30 gushika kuri 60 ry’ibizoba vyihwejwe ubuheruka. Mu gusozera, arashobora kubaza ikibazo kimwe canke bibiri mu kugira isubiramwo nimba igice carimbuwe kidafise agace kavuga ngo “Zirikana kuri ibi bintu.”

4. Kubera iki dukwiye kwiga igitabu Niwigane ukwizera kwabo?

4 Tuba mw’isi yama irondera ko duta ukwizera kwacu canke ko kugoyagoya mu buryo ubu canke buriya. Iki gitabu cokimwe n’ibiganiro vyagiye birasohorwa mu Munara w’Inderetse gishingiyeko ni ingabirano Yehova yaduhaye kugira ngo idufashe kugira ukwizera gukomeye. (Yak. 1:17) Nimuze tucungukireko bimwe bishitse mu kwama twitaba Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero twongere dutange inyishu kenshi uko bishoboka kwose igihe tuzoba turiko turiga ico gitabu turi kumwe n’abandi!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika