Kurya nyene umugwizatunga akoresha umunyamabanga wiwe ngo amwandikire ubutumwa, n’Imana yakoresheje abantu bamwebamwe b’intahemuka kugira bandike Ivyanditswe Vyeranda
Ingene Umuremyi wacu ahishura imigambi yiwe iranga urukundo
Kuva umuremyi wacu aremye abantu, yagiye aravugana na bo biciye ku bamarayika biwe n’intumwa ziwe. Vyongeye, yarahisemwo ko ubutumwa bwiwe be n’imihezagiro yasezeranye vyandikwa. Ivyo bintu Imana yasezeranye bizokugirira akamaro muri kazoza. None ivyo bintu Imana yasezeranye wobisanga hehe muri iki gihe?
Ubutumwa buva ku Mana tubusanga mu Vyanditswe Vyeranda. (2 Timoteyo 3:16) None Imana yakoresheje gute intumwa zayo kugira ngo zandike amajambo yayo? (2 Petero 1:21) Imana yashize ivyiyumviro vyayo mu bwenge bw’abo banditsi, na bo baravyandika. Tubitangire akarorero. Iyo umugwizatunga akoresheje umunyamabanga wiwe kugira amwandikire ubutumwa, tuguma tubona ko ubwo butumwa ari ubw’uwo mugwizatunga. Muri ubwo buryo nyene, naho Imana yakoresheje abantu mu kwandika ubutumwa bwayo, ni yo Ivyanditswe Vyeranda bikomokako.
IJAMBO RY’IMANA RYARAKWIRAGIYE CANE
Ubutumwa buva ku Mana burahambaye cane, ku buryo yipfuza ko abantu bose babusoma kandi bakabutahura. Muri iki gihe, ‘inkuru nziza yayo y’ibihe bidahera’ iraboneka “kw’ihanga ryose n’umuryango wose n’ururimi rwose.” (Ivyahishuwe 14:6) Imana yaratumye ivyo Vyanditswe Vyeranda biboneka mu ndimi zirenga 3.000, vyaba vyose canke igice cavyo, bikaba biboneka kuruta ikindi gitabu ico ari co cose kw’isi.