UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YESAYA 24-28
Yehova aritwararika abasavyi biwe
Nka kurya kw’umwakiranyi w’inda nziza, Yehova araturonsa ibifungurwa vy’impwemu ku bwinshi.
“Yehova nyen’ingabo azotegurira ibisata vy’abantu vyose inzimano”
Mu bihe vya kera, gusangira imfungurwa n’umuntu vyerekana ko mufitaniye amahoro kandi ko muri abagenzi
Inzimano ‘y’ivyibo vyuzuye umusokoro, y’umuvinyu wiretse, umiminye’
Ivyo bifungurwa n’uwo muvinyu bigereranya imfungurwa nziza cane zo mu vy’impwemu Yehova aturonsa