ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb17 Ruheshi rup. 8
  • Nezererwa igikorwa co kuvuga inkuru nziza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nezererwa igikorwa co kuvuga inkuru nziza
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
  • Ivyo bijanye
  • Tuvuge iyi nkuru nziza y’Ubwami
    Ririmbira Yehova amashemezo
  • Inkuru nziza iriko yamamazwa gute?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • ‘Barazana inkuru nziza z’ivyiza’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • ‘Nusukurire Yehova unezerewe’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
mwb17 Ruheshi rup. 8

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Nezererwa igikorwa co kuvuga inkuru nziza

Vyoba birashika ukabona ko kwamamaza bigoye? Benshi biramaze kubashikira. Kubera iki? Dushobora kuba dukunze guhura n’abantu batanezwe ubutumwa canke baturwanya, canke tukaba dutinya kuyagisha abo tutazi. Ivyo birashobora gutuma dutakaza umunezero. Ariko Imana dusenga ni Imana ihimbawe, ikaba ishaka ko tuyikorera tunezerewe. (Zb 100:2; 1Tm 1:11) Ni ibintu bitatu ibihe vyotuma turyohererwa indimiro?

Ica mbere: ubutumwa tuvuga butanga icizigiro. Narirya abantu benshi batagifise icizigiro, turashobora kubaremesha mu kubabwira “inkuru nziza y’ikintu ciza kuruta.” (Yes 52:7) Mugabo inkuru nziza y’Ubwami iratuma natwe tugira umunezero. Imbere yo kuja kwamamaza, fata umwanya wo kuzirikana ku mihezagiro Ubwami bw’Imana buzozana kw’isi.

Ica kabiri: inkuru nziza tuvuga iragirira akamaro abantu mu vy’impwemu no mu vy’umubiri. Irabafasha guheba ingeso mbi no kugira icizigiro c’ubuzima budahera. (Yes 48:17, 18; Rm 1:16) Tumeze nk’abakora akazi ko kurondera no gutabara abashikiwe n’icago. Naho hari abanka gutabarwa, ntibituma tureka kurondera abavyipfuza.​—Mt 10:11-14.

Ica gatatu, ari na co gihambaye cane: ico gikorwa gitera iteka Yehova. Araha agaciro cane igikorwa tumurangurira. (Yes 43:10; Heb 6:10) Vyongeye, araduha impwemu nyeranda nyinshi idufasha muri ico gikorwa. Nusabe rero Yehova umunezero uva kuri iyo mpwemu nyeranda. (Gl 5:22) Aradufasha kudahagarika umutima maze tukamamaza n’ubutinyutsi. (Ivk 4:31) Ivyo bituma turyohererwa ico gikorwa twashinzwe naho abantu bo mu cibare cacu bovyakira gute.​—Ezk 3:3.

Umwamamaji ari mu ndimiro: hamwe nta munezero afise, ahandi aranezerewe

Woshima kuba umerewe gute igihe uri mu ndimiro? Wokwerekana gute ko ufise umunezero?

NIMURABE AKAVIDEWO KAVUGA NGO KWIYIGISHA NO KUZIRIKANA BIRAGARUKANA UMUNEZERO, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Kubera iki dukwiye kwitwararika cane kwigaburira mu vy’impwemu naho twoba tumara amasaha menshi mu ndimiro buri kwezi?

  • Twokwigana gute Mariya?

  • Ni ryari uhora ufata umwanya wo kuzirikana kw’Ijambo ry’Imana?

  • Ni igiki kikuryohera cane iyo uri mu ndimiro?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika