ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb17 Ruheshi rup. 7
  • Tubeho twisunga ivyo Yehova adutegeka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Tubeho twisunga ivyo Yehova adutegeka
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu ku bibazo vyanyu
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Woba wambara mu buryo buninahaza Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Kubera iki bihambaye ko twitwararika ukuntu twambara be n’ukuntu twitunganya?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Woba ufise umutima w’inyama?
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
mwb17 Ruheshi rup. 7

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Tubeho twisunga ivyo Yehova adutegeka

Yehova Imana ni we ashingira abantu ingingo ngenderwako zijanye n’inyifato runtu. Nk’akarorero, avuga ko umugabo n’umugore bubakanye bakwiye kubana akaramata. (Mt 19:4-6, 9) Ariyamiriza ubwoko bwose bw’ubusambanyi. (1Kr 6:9, 10) Aranaduha ingingo ngenderwako zijanye n’ingene abasavyi biwe bakwiye kwambara no kwitunganya mu buryo butandukanye n’isi.​—Gus 22:5; 1Tm 2:9, 10.

Abantu benshi muri iki gihe ntiberekwa ivyo Yehova adutegeka. (Rm 1:18-32) Bisunga ivyiyumviro vya benshi haba mu nyambaro, mu kwitunganya no mu kuntu bigenza. Benshi bariratira inyifato yabo mbi, bakanebagura abo batabona ibintu kumwe.​—1Pt 4:3, 4.

Twebwe Ivyabona vya Yehova dutegerezwa kugira umutima rugabo tugashigikira amategeko yiwe. (Rm 12:9) Twobigira gute? Dukwiye kumenyekanisha ibimuhimbara, tukabigira twigengesera. Mugabo dutegerezwa kuba ubwacu dutanga akarorero. Nk’igihe duhitamwo impuzu canke uburyo bwo kwitunganya, twokwibaza duti: ‘Ivyo mpitamwo vyoba bihuje n’ivyiyumviro vya Yehova canke vy’isi? Uburyo nambara canke nitunganya bwoba bwerekana ko ntinya Imana?’ Igihe na ho duhitamwo ikiganiro canke isinema twororera, twokwibaza duti: ‘Yehova yoba yoshima iki kiganiro? Kiremesha ivyiyumviro vya nde? Uburyo mpitamwo kwisamaza ntibwohava butuma bingora gukora ikibereye? (Zb 101:3) Bwoba bwotsitaza abo mu muryango canke abandi?’​—1Kr 10:31-33.

Kubera iki bihambaye cane ko tubaho twisunga ivyo Yehova adutegeka? Vuba Kristu Yezu agiye guhonya amahanga akureho n’ububisha bwose. (Ezk 9:4-7) Abakora ivyo Imana igomba ni bo bonyene bazosigara. (1Yh 2:15-17) Nimuze rero tubeho twisunga ivyo Yehova adutegeka kugira ngo abihweza inyifato yacu nziza bamuninahaze.​—1Pt 2:11, 12.

Umukenyezi ariko acagura impuzu

Uburyo nambara n’uburyo nitunganya vyerekana ko nisunga ivyiyumviro vya nde?

NIMURABE AKAVIDEWO NUBE UMUGENZI WA YEHOVA​—UMUGABO N’UMUGORE, MUCE MUGANIRA KURI IBI BIBAZO:

  • Kubera iki ari vyiza gukurikiza amategeko ya Yehova?

  • Kubera iki abavyeyi bakwiye kwigisha abana babo inyifato ishimwa na Yehova kuva bakiri bato cane?

  • Abakuze n’abakiri bato bofasha gute abandi ngo bazokwungikire ku bintu vyiza Yehova atubikiye?

WOVUGA IKI HAGIZE UWUKUBWIRA NGO . . .

  • “Ubona gute ukuryamana kw’abasangiye igitsina?”

  • “Ivyo Bibiliya ivuga ku kuryamana kw’abasangiye igitsina bibohera abantu amaboko i mugongo.”

  • “Abaryamana n’abo basangiye igitsina ntibashobora guhinduka; bavutse gutyo.”

(yp1 ikig. 23; yp2 ikig. 28)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika