UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Dutsimbataze kamere zishimwa n’Imana—Umutima rugabo
IGITUMA BIHAMBAYE:
Kwamamaza bisaba umutima rugabo.—Ivk 5:27-29, 41, 42
Mu gihe c’amakuba akomeye, tuzokenera umutima rugabo.—Mt 24:15-21
Gutinya abantu biradukwegera ivyago.—Yr 38:17-20; 39:4-7
UKO TWOBIGIRA:
Ibintu bintera ubwoba mu ndimiro nkwiye gutsinda ni ibihe?
RABA AKAVIDEWO KAVUGA NGO NIWIRINDE IBINTU VYOTUMA UHEMUKA—UGUTINYA ABANTU, UCE WISHURA IBI BIBAZO:
Kubera iki dukeneye umutima rugabo mu ndimiro?
Mu Migani 29:25 hahushanya ibintu bibiri ibihe?
Kubera iki ubu ari co gihe co gutsimbataza umutima rugabo uva ku Mana?