UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Bamenyereze kwamizako mu gukorera Yehova
Vyarabonetse ko iyo abamamaji bashasha bamenyerejwe hakiri kare gukora indimiro n’umwete kandi badasibiriza, kenshi baheza bakaba abamamaji babishoboye. (Img 22:6; Fp 3:16) Ehe raba bimwebimwe mu vyo wokora ngo ufashe umutohoji kugira umushinge mwiza mu bijanye n’indimiro:
Acemererwa kuba umwamamaji, ca utangura kumumenyereza. (km 8/15 1) Mwumvishe akamaro ko kuza arakora indimiro buri ndwi. (Fp 1:10) Vuga neza icibare mukoreramwo. (Fp 4:8) Muremeshe kuza arakorana n’umucungezi w’umugwi n’abandi bamamaji kugira ngo bamukarishe.—Img 1:5; km 10/12 6 ing. 3
Uwo mutohoji amaze kubatizwa, ntuce ureka kumuremesha no kumumenyereza mu ndimiro na canecane igihe aba ataraheza igitabu “Urukundo rw’Imana.”—km 12/13 7
Koresha uburyo bwo gutanguza ikiyago bworoshe igihe ukorana n’umwamamaji mushasha. Umaze kubona ingene ashikiriza inkuru nziza, ca umukeza cane umuhe n’ivyiyumviro vyotuma arushiriza kuba kirumara.—km 5/10 7