ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb17 Gitugutu rup. 3
  • Ivyogufasha kwiga Ijambo ry’Imana n’umwete

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyogufasha kwiga Ijambo ry’Imana n’umwete
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
  • Ivyo bijanye
  • Imana yoba vy’ukuri ikubabaye?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Nutege Yompi Ijambo ry’Ubuhanuzi ry’Imana Ryerekeye Igihe Cacu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Kwiyigisha bimwe vyimbitse biratuma uguma uri maso
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Woba wamizako mu gukorera Yehova?
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
mwb17 Gitugutu rup. 3

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ivyogufasha kwiga Ijambo ry’Imana n’umwete

Woshima kuba umwizigirwa mu bigeragezo nka Daniyeli? Daniyeli yariga Ijambo ry’Imana abigiranye umwete, akiga n’ubuhanuzi bwimbitse. (Dn 9:2) Kwiga Bibiliya n’umwete birashobora kugufasha kuguma uri umwizigirwa. Uti gute? Birashobora gutuma urushiriza kwizera ko ivyo Yehova yasezeranye bizoranguka. (Yos 23:14) Birashobora kandi gutuma urushiriza gukunda Imana, maze ugakora ibigororotse. (Zb 97:10) Mugabo none wohera he? Ehe raba ibi vyiyumviro.

Daniyeli ariko ariga Ijambo ry’Imana
  • Nokwiga iki? Urutonde rwiza rwo kwiyigisha rurimwo gutegura amakoraniro. Igisomwa ca Bibiliya ca buri ndwi kizokugirira akamaro niwafata umwanya wo kugira ubushakashatsi ku bintu udatahura. Hari n’abandi bahisemwo kwiga mu buryo bwimbitse ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, ibigize icamwa c’impwemu y’Imana, ingendo za Paulo z’ubumisiyonari canke ibintu biboneka Yehova yaremye. Bishitse mu kiringo c’umusi ukiyumvira ikibazo kijanye na Bibiliya, candike kugira uzocige ubutaha.

  • Nobironderera he? Raba akavidewo kavuga ngo Ibikoresho bigufasha gucukura ubutunzi bwo mu vy’impwemu urabe ivyiyumviro batanga. Kugira wimenyereze, gira ubushakashatsi umenye intwaro nganzasi zigereranywa n’ibikoko bivugwa muri Daniyeli ikigabane ca 7.

  • Nokwiga umwanya ungana gute? Kwiga udahorereza birahambaye kugira ugire amagara meza mu vy’impwemu. Ushobora gutangura wiga umwanya muto mu nyuma ukagenda urongerereza. Kwiga Ijambo ry’Imana ni nko kwimba urondera ubutunzi bunyegejwe, uko ubwubukako ni ko ushaka kuguma wimba. (Img 2:3-6) Akayabagu ufitiye Ijambo ry’Imana kazokwongerekana bitume ubandanya kwiga Bibiliya udasiba.​—1Pt 2:2.

    Ushaka kumenya ingene wohimbarwa n’ukwiga Bibiliya, raba Be maso! yo muri Ndamukiza 2012, rup. 12-14.

IBIKOKO BIVUGWA MURI DANIYELI IKIGABANE CA 7 BIGERERANYA IKI?

  • Igikoko gisa n’intambwe gifise amababa y’inkona

    Dn 7:4

  • Igikoko gisa n’idubu gifise amagufa atatu y’imbavu mu kanwa

    Dn 7:5

  • Igikoko gisa n’ingwe gifise imitwe ine n’amababa ane ku mugongo

    Dn 7:6

  • Igikoko giteye ubwoba gifise amenyo maninimanini y’icuma n’amahembe cumi

    Dn 7:7

IKINDI KIBAZO:

Ibivugwa muri Daniyeli 7:8, 24 vyarangutse gute?

Agahembe gafise amaso n’umunwa kanaze mu mahembe cumi, karandura amahembe atatu

IVYO NZOKWIGA UBUTAHA:

Ibikoko bivugwa mu Vyahishuwe ikigabane ca 13 bigereranya iki?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika