UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ZEKARIYA 9-14
Guma mu “mubande wo hagati y’imisozi”
Yehova yashizeho “umubande munini cane” mu 1914 igihe yashinga Ubwami burongowe na Mesiya. Ubwo bwami ni igice kimwe ca wa “musozi” ugereranya ubukuru Yehova afise bwo kuba Segaba w’ibiriho vyose. Kuva mu 1919 ni ho abasavyi b’Imana batangura guhungira muri uwo “mubande wo hagati y’imisozi”
Abantu ‘bahungira gute mu mubande’ ugereranya ugukingirwa?
Umuntu wese atari muri uwo mubande w’ikigereranyo azosangangurwa kuri Harumagedoni
Nokora iki kugira ngume muri uwo mubande?