Naho Pasika itagereranya Icibutso, hari ibintu vyakorwa kuri Pasika bifise ico bitwigisha. Nk’akarorero, intumwa Paulo yavuze ko Yezu ari umwagazi w’intama wacu wa pasika. (1Kr 5:7) Nka kumwe nyene ya maraso y’umwagazi yasigwa ku bishimaryango yarokoye abantu, ni ko n’amaraso ya Yezu arokora abantu. (Kv 12:12, 13) N’ikindi kandi, nta gufa na rimwe ry’umwagazi w’intama wa Pasika ryavunwa. Muri ubwo buryo nyene, nta gufa na rimwe rya Yezu ryigeze rivunwa naho ico gihe hari hariho umugenzo wo kuvuna amagufa ababa bamanitswe.—Kv 12:46; Yoh 19:31-33, 36.