ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb18 Rusama rup. 8
  • “Ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe . . . ”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe . . . ”
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
  • Ivyo bijanye
  • Niwubahe “ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
mwb18 Rusama rup. 8
Umugabo n’umugore bafatanye amaboko

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

“Ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe . . . ”

Itegeko rya Musa ryasaba umugabo yaba ariko yiyumvira kwahukana, gutegura icete cemewe n’amategeko. Ivyo vyatuma abantu batihutira gusambura imibano yabo. Ariko mu gihe ca Yezu, abakuru b’idini baroroheje ibijanye no kwahukana. Abagabo barashobora kwahukana n’abagore babo ku mvo iyo ari yo yose. (nwtsty amakuru adufasha kwiga Mr 10:4, 11) Yezu yashimitse ku vy’uko umubano watangujwe na Yehova. (Mr 10:2-12) Umugore n’umugabo bobaye “umubiri umwe,” bakabana igihe cose. Twisunze inkuru isa n’iyo dusanga muri Matayo, ikintu conyene cemewe n’Ivyanditswe cotuma umugabo n’umugore bahukana ni “ubusambanyi.”​—Mt 19:9.

Muri iki gihe, abantu benshi ntibabona umubano nk’uko Yezu yawubona, ahubwo bawubona nk’uko Abafarizayo bawubona. Iyo hadutse ingorane, baca bihutira kwahukana. Ariko abakirisu bobo, barafatana uburemere indagano bagiraniye kandi bakihatira gutorera umuti ingorane mu gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Nimurabe ividewo ivuga ngo Urukundo n’icubahiro biratuma ingo zunga ubumwe, muce mwishura ibibazo bikurikira:

  • Ariko arasoma Bibiliya; umugabo ariko arumviriza umugore wiwe ariko aravuga; ifoto y’ubugeni baciyemwo kubiri

    Woshira mu ngiro gute Imigani 15:1 mu mubano wawe? Kandi ni kubera iki bihambaye?

  • Gushira mu ngiro Imigani 19:11 vyokurinda gute ingorane?

  • Igihe umubano wawe ugeze ahatemba, aho kwiyumvira ngo ‘Mbe basha twahukane?’ ni ibibazo ibihe ukwiye kuzirikanako?

  • Gushira mu ngiro Matayo 7:12 vyogufasha gute kuba umugabo mwiza canke umugore mwiza?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika