UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YOHANI 5-6
Nukurikire Yezu ubitumwe n’imvo nziza
Igihe Yezu yaha abigishwa biwe ikigereranyo kikabananira gutahura, hari abo catsitaje baca baraheba kumukurikira. Umusi umwe gusa imbere y’aho, Yezu yari yabagaburiye ku gitangaro, biba vyerekanye ko ububasha bwiwe bwava ku Mana. Kubera iki none batsitaye? Biboneka ko bariko bakurikira Yezu babitumwe n’ubwikunzi. Bariko bamukurikira barondera ivy’umubiri.
Umwe wese rero arakwiye kwibaza ati: ‘Nkurikira Yezu kubera iki? Hoba ari kubera imihezagiro nironkera ubu be n’iyo nzoronka muri kazoza? Canke ni kubera ko nkunda Yehova kandi nkaba nipfuza kumuhimbara?’
Kubera iki twoshobora gutsitara hamwe twokorera Yehova ahanini kubera imvo zikurikira?
Duhimbarwa no kuba kumwe n’abasavyi b’Imana
Dushaka kuba mw’Iparadizo