UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | IVYAKOZWE 21-22
‘Igomba rya Yehova niribe’
Paulo yarumva ko impwemu nyeranda yariko imwerekeza i Yeruzalemu, aho yari gushikirwa n’ingorane. (Ivk 20:22, 23) Igihe rero abavukanyi bamwinginga babigiranye umutima mwiza ngo ntajeyo, yabishuye ati: “Ivyo mugira ni ibiki, ko murira mwongera muntera kugoyagoya mu mutima?” (Ivk 21:13) Ntidushaka kwigera duca intege abipfuza kwitanga cane mu gikorwa barangurira Yehova.