ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb20 Mukakaro rup. 7
  • Yehova arakingira abantu biwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova arakingira abantu biwe
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
  • Ivyo bijanye
  • Ibikorwa bigeze he i Warwick?
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016
  • Bibiliya ibivugako iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Ibikurubikuru vyaranze umwaka uheze
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2017
  • Igikorwa kiriko kiratera imbere cane i Warwick
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
mwb20 Mukakaro rup. 7

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Yehova arakingira abantu biwe

Umuhungu na se b’Abisirayeli bariko barashira amaraso hejuru ku muryango w’inzu yabo.

Pasika ya mbere, cari ikiringo kidasanzwe. Muri iryo joro, Farawo amaze kumenya ko umuhungu wiwe w’imfura yapfuye, yaciye abwira Musa ati: “Haguruka, mumvire mu bantu, mwe n’abandi bene Isirayeli, mugende, mukorere Yehova, nk’uko mwavuze.” (Kv 12:31) Yehova yarerekanye ko akingira abasavyi biwe.

Tuzirikanye ku bintu vyagiye birashikira abasavyi ba Yehova bo mu gihe ca none, biragaragara ko Yehova abandanya kubayobora no kubakingira. Ivyo birashirwa ahabona kw’iratiro riri ku cicaro gikuru ryataziriwe “Igisata citirirwa izina rya Yehova.”

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO GUTEMBERERA IRATIRO RY’I WARWICK: “IGISATA CITIRIRWA IZINA RYA YEHOVA,” MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Amafoto ari muri rwa ‘Rukurikirane rw’amafoto yerekeye ivyaremwe.’

    Ni uburyo bushasha ubuhe abatohoji ba Bibiliya bakoresha mu ntango za 1914 kugira barushirize kwizigira Bibiliya, kandi havuyemwo ivyiza ibihe?

  • Udufoto tw’abavukanyi bafashwe bongera barapfungwa mu 1918.

    Ni ibigeragezo ibihe vyadutse mu 1916 no 1918, kandi ni ibiki vyagaragaza ko Yehova yariko arayobora ishirahamwe ryiwe?

  • Inzu y’iratiro yerekana abantu benshi bapfunzwe bazira ukwizera kwabo. Imiryango ija mu cumba kirimwo amashusho yerekana iparadizo.

    Ni gute abasavyi ba Yehova bagumye bashikamye mu kwizera naho bariko barabarwanya?

  • Inzu y’iratiro yerekana uburyo bumwebumwe bwakoreshwa mu kwamamaza mu myaka y’1930 be n’1940.

    Ni ugutahura gushasha ukuhe abasavyi ba Yehova baronse mu 1935, kandi ivyo vyagize ico bikoze gute kuri bo?

  • Nimba umaze gutemberera iri ratiro canke ibiro vy’ishami ryanyu, ni ibiki wabonye birakujijura ko Yehova ayobora akongera agakingira abasavyi biwe?

Kugira umenye ingene wotemberera iryo ratiro, nuje kuri jw.org, uce ufyonda ahavuga ngo “Ibitwerekeye”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika