UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Yehova arakingira abantu biwe
Pasika ya mbere, cari ikiringo kidasanzwe. Muri iryo joro, Farawo amaze kumenya ko umuhungu wiwe w’imfura yapfuye, yaciye abwira Musa ati: “Haguruka, mumvire mu bantu, mwe n’abandi bene Isirayeli, mugende, mukorere Yehova, nk’uko mwavuze.” (Kv 12:31) Yehova yarerekanye ko akingira abasavyi biwe.
Tuzirikanye ku bintu vyagiye birashikira abasavyi ba Yehova bo mu gihe ca none, biragaragara ko Yehova abandanya kubayobora no kubakingira. Ivyo birashirwa ahabona kw’iratiro riri ku cicaro gikuru ryataziriwe “Igisata citirirwa izina rya Yehova.”
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO GUTEMBERERA IRATIRO RY’I WARWICK: “IGISATA CITIRIRWA IZINA RYA YEHOVA,” MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:
Ni uburyo bushasha ubuhe abatohoji ba Bibiliya bakoresha mu ntango za 1914 kugira barushirize kwizigira Bibiliya, kandi havuyemwo ivyiza ibihe?
Ni ibigeragezo ibihe vyadutse mu 1916 no 1918, kandi ni ibiki vyagaragaza ko Yehova yariko arayobora ishirahamwe ryiwe?
Ni gute abasavyi ba Yehova bagumye bashikamye mu kwizera naho bariko barabarwanya?
Ni ugutahura gushasha ukuhe abasavyi ba Yehova baronse mu 1935, kandi ivyo vyagize ico bikoze gute kuri bo?
Nimba umaze gutemberera iri ratiro canke ibiro vy’ishami ryanyu, ni ibiki wabonye birakujijura ko Yehova ayobora akongera agakingira abasavyi biwe?