UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | KUVAYO 35-36
Turaronswa ibikenewe ku bw’igikorwa ca Yehova
Impwemu ya Yehova yararonkeje Bezaleli na Oholiyabu ibikenewe vyose kugira barangure ibintu bitandukanye bijanye n’itaberenakulo. (Raba ishusho iri ku gipfukisho.) Impwemu y’ububasha ya Yehova irafasha abasavyi biwe no muri iki gihe. None twoyungukirako gute?
Tubwirizwa gusaba impwemu ya Yehova ngo idufashe kurushiriza gukoresha neza ububangukirwe dufise mu gikorwa tumurangurira
Dutegerezwa kwiga ijambo ry’Imana tubigiranye umwete
Tubwirizwa gukorana umutima wacu wose igikorwa ico ari co cose dushinzwe
Yehova ashobora kuturonsa ibikenewe ku bw’ibikorwa ibihe?