UBUZIMA BW’UMUKIRISU
“Urukundo . . . ntirunezererwa ibitagororotse”
Mu bintu vyose abakirisu b’ukuri bakora, barihatira kuyoborwa n’urukundo. Urukundo “ntirunezererwa ibitagororotse.” (1Kr 13:4, 6) Ku bw’ivyo, turamirira kure ukwinezereza guhayagiza ubuhumbu n’ubukazi. Ariko kandi, ntitunezerwa igihe abandi bashikiwe n’ibintu bibi, mbere naho boba baratubabaje.—Img 17:5.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO MWIBUKE KO URUKUNDO . . . RUTANEZERERWA IBITAGOROROTSE, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
Dawidi yavyifashemwo gute igihe yamenya ko Sauli na Yonatani bapfuye?
Ni akaririmbo k’intimba akahe Dawidi yatunganije ku bwa Sauli na Yonatani?
Kubera iki Dawidi atanezerejwe n’uko Sauli yapfuye?