ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb23 Nyakanga rup. 7
  • Abungere bakora ku neza y’abasavyi ba Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abungere bakora ku neza y’abasavyi ba Yehova
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Ivyo bijanye
  • ‘Tumako abakurambere’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Ingene abakurambere bafasha abacumuzi babigiranye urukundo n’imbabazi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Bavukanyi, mwoba mwipfuza kuba abakurambere?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Ingingo zerekana ko twizigira Yehova
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
mwb23 Nyakanga rup. 7

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Abungere bakora ku neza y’abasavyi ba Yehova

Abantu benshi babona nabi abafise ubukuru. Turatahura igituma. Abantu baramaze igihe kirekire bakoresha nabi ubukuru bafise ku bw’inyungu zabo bwite. (Mk 7:3) Mbega ukuntu dukenguruka kubona abakurambere b’ishengero baramenyerejwe gukoresha ubukuru bafise ku neza y’abasavyi b’Imana!—Est 10:3; Mt 20:​25, 26.

Abakurambere baratandukanye n’abafise ubukuru muri iyi si. Barangura iryo banga ryo guhagarikira babitumwe n’urukundo bakunda Yehova n’abasavyi biwe. (Yoh 21:16; 1Pt 5:​1-3) Bayobowe na Yezu, abo bungere barafasha umwamamaji uwo ari we wese kwumva yisanze mu muryango w’abasenga Yehova no kuguma yiyegereje Yehova. Barihutira kuremesha intama za Yehova no gufasha igihe hadutse ikibazo cihuta kijanye n’ubuvuzi canke igihe hateye ivyago vy’ivyaduka. Nimba ukeneye imfashanyo, ubona gute wibwirije ukarondera umukurambere wo mw’ishengero urimwo?—Yak 5:14.

Ishusho yakuwe mw’ividewo ivuga ngo «Abungere bitwararika intama.» Umukurambere ariko aragumbira Elias aryohewe mu kumuramutsa.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO ABUNGERE BITWARARIKA INTAMA, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Mariana yungukiye gute ku mfashanyo yahawe n’abakurambere?

  • Elias yungukiye gute ku mfashanyo yahawe n’abakurambere?

  • Iyo videwo yatumye ubona gute igikorwa abakurambere barangura?

Niwibwirize kubimenyesha umukurambere . . .

  • igihe wimutse canke uhinduye inimero za telefone

  • igihe uriko uraca mu kigeragezo kitoroshe

  • igihe wimirije kumara ikiringo kirekire utari hafi

  • igihe bisaba ko uvugwa mu buryo bukomeye canke winjira ibitaro

  • igihe ukoze igicumuro gikomeye

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika