INKURU Y’UBUZIMA
Yehova ‘yaragoroye iminyuro yanje’
IGIHE kimwe, hari umuvukanyi akiri muto yambajije ati: “Icanditswe ukunda cane ni ikihe?” Naciye ndamwishura nti: “Ni Imigani ikigabane ca 3, umurongo wa 5 n’uwa 6, ahavuga ngo: ‘Wizigire Yehova n’umutima wawe wose kandi ntiwishimikize ubwenge bwawe bwite. Mu nzira zawe zose umwibuke, na we azogorora iminyuro yawe.’” Emwe, Yehova yaragoroye iminyuro yanje koko. Uti gute?
ABAVYEYI BANJE BARAMFASHIJE GUCA MU NZIRA IBEREYE
Abavyeyi banje bamenye ukuri mu myaka ya 1920, imbere y’uko bubakana. Navutse mu 1939. Nkiri muto, tukaba twaba mu Bwongereza, narajana n’abavyeyi banje ku makoraniro. Mu nyuma nariyandikishije mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi. Ndacibuka igihe nashikiriza ikiganiro ari bwo bwa mbere, ingene nuriye kw’ikarato kugira mbe muremure maze nshobore kubona abumviriza. Kubera ko ico gihe nari mfise imyaka itandatu, narahagaritse umutima kubona nari mpagaze imbere y’abantu bakuze.
Twe n’abavyeyi banje turiko turamamaza kw’ibarabara
Tugiye mu ndimiro, dawe yaranyandikira ku gapapuro amajambo nokoresha yo gutanguza ikiyago. Igihe nijana kwamamaza inzu ku nzu ari bwo bwa mbere, nari mfise imyaka umunani. Narahimbawe cane igihe uwo nasanze ku muhana yasoma ka gapapuro, agaca yemera no kwakira igitabu cavuga ngo “Imana iboneke ko ari inyakuri”! Naciye niruka kubibwira dawe. Indimiro be n’amakoraniro vyaratuma ngira umunezero, kandi vyaramfashije kugira icipfuzo co gukorera Yehova igihe cose.
Dawe amaze kunyandikisha ngo nze ndaronka Umunara w’Inderetsi, naratanguye kurushiriza gukunda ukuri. Narahimbarwa no gusoma buri kopi y’Umunara baba bandungikiye. Nararushirije kwizigira Yehova, bituma ndamwiyegurira.
Uko tugize umuryango, twaritavye ihwaniro ryataziriwe ngo “Iyongerekana rya gitewokarasi,” ryabereye i New York mu 1950. Ku wa kane itariki 3 Myandagaro, umutwe shimikiro w’uwo musi wavuga ngo “Umusi wagenewe abamisiyonari.” Uwo musi, umuvukanyi Carey Barber, uwahavuye aba mu bagize Inama Nyobozi, ni we yatanze insiguro y’ibatisimu. Igihe mu nsozero yabaza abari bagiye kubatizwa vya bibazo bibiri, narahagurutse maze nishura nti: “Egome!” Naho nari mfise imyaka 11, naratahura ko nari nteye intambwe ihambaye. Ariko rero naratinya kuja mu mazi kubera ko ntari bwamenye kwoga. Datawacu yaramperekeje gushika aho tubatirizwa, maze arampumuriza ko vyose biza kugenda neza. Nkako vyaranyarutse cane, ku buryo ntashikanye amaguru hasi. Abavukanyi barampanahanye, umwe arambatiza, uwundi aranterura ankura mu mazi. Kuva kuri uwo musi uhambaye, Yehova yagumye agorora iminyuro yanje.
MPITAMWO KWIZIGIRA YEHOVA
Igihe narangiza amashure, nashaka gukora ubutsimvyi, ariko abigisha bampimirije kwiga amashure ahanitse. Naragondojwe n’ivyo bambwiye, ndaja kuri kaminuza. Ariko bidatevye, narabonye ko ntari gushobora kuguma nshikamye mu kuri, ngo nongere nitunire ku vyigwa vyanje. Naciye rero ndabihagarika. Narabibwiye Yehova mw’isengesho, nca ndandikira ikete abigisha banje mu rupfasoni, ndabamenyesha ko mu mpera z’umwaka wa mbere nzoca mpagarika. Kubera ko nari nizigiye Yehova mperejeko, naciye ubwo nyene ntangura ubutsimvyi.
Umurimo w’igihe cose nawutanguriye mu gisagara ca Wellingborough, muri Mukakaro 1957. Narabajije abavukanyi bo muri Beteli y’i Londres ngo bandangire umutsimvyi azi utuntu n’utundi twokorana. Umuvukanyi yitwa Bert Vaisey ni we twahavuye dukorana aramfasha rwose. Kandi kuba yari umunyamwete, vyaramfashije kugira urutonde rwiza mu ndimiro. Ishengero ryacu ryari rigizwe na bashiki bacu batandatu bitereye mu myaka, be n’umuvukanyi Vaisey hamwe na jewe. Gutegura amakoraniro yose no kuyagiramwo uruhara, vyarandonkeje uturyo twinshi two kwizigira Yehova no guserura ukwizera kwanje.
Inyuma y’igihe gito namaze mw’ibohero kubera nanse kuja mu gisoda, naramenyanye na mushiki wacu w’umutsimvyi adasanzwe yitwa Barbara. Twubakanye mu 1959, tukaba twari twiteguriye kuja aho ari ho hose boturungitse gukorera. Aha mbere twarungitswe ni i Lancashire, mu buraruko bushira uburengero bw’Ubwongereza. Muri Nzero 1961 na ho, naratumiwe kwitaba Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami ryabereye kuri Beteli y’i Londres ryamaze ukwezi kumwe. Ntari ndavyiteze, ivyigwa biheze naciye ngenwa mu gikorwa co kugendera amashengero. Namaze indwi zibiri menyerezwa n’umucungezi w’umuzunguruko azi utuntu n’utundi mu gisagara ca Birmingham, kandi Barbara twarajanye. Inyuma y’aho, twaciye tuja kubandaniriza igikorwa cacu mu karere ka Lancashire na Cheshire.
UWIZIGIRA YEHOVA NTIYIGERA YICUZA
Igihe twari mu karuhuko muri Myandagaro 1962, twararonse ikete rivuye ku biro vy’ishami. Ryarimwo amafomu y’Ishure rya Gileyadi. Tumaze kubibwira Yehova mw’isengesho, twarayujuje, ubwo nyene duca tuyarungika ku biro vy’ishami nk’uko twabisabwa. Haheze amezi atanu twarafashe inzira tuja i Brooklyn, muri New York, kwitaba Ishure rya Gileyadi mu murwi ugira 38, ivyo vyigwa bikaba vyamara amezi cumi.
Mw’Ishure rya Gileyadi, ntitwize gusa ibijanye n’Ijambo ry’Imana be n’ishirahamwe ryayo, ariko kandi twarize ibijanye n’umuryango wacu w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose. Naho tutari bwashikane imyaka 25, twarigiye vyinshi ku bandi banyeshure twari kumwe. Kari agateka kuba buri musi narashingwa igikorwa co muri Beteli nkorana n’umuvukanyi Fred Rusk, umwe mu bigisha bacu. Kimwe mu vyigwa bihambaye yashimikako, cari ic’uko dukwiye kwama dutanga impanuro mu buryo bubereye, ni ukuvuga tukiyemeza ko iyo mpanuro ishingiye ku Vyanditswe. Mu bavukanyi badushikiriza insiguro mw’ishure, harimwo abavukanyi bazi utuntu n’utundi nka Nathan Knorr, Frederick Franz, be na Karl Klein. N’ikindi kandi, twarigiye ku karorero k’ukwicisha bugufi k’umuvukanyi Alexander Macmillan. Insiguro yiwe yaradufashije gutahura ingene Yehova yayoboye abasavyi biwe muri ca gihe co kugezwa co kuva mu 1914 gushika mu ntango ya 1919.
DUHINDURIRWA IGIKORWA
Ivyigwa biri mu kurangira, umuvukanyi Knorr yatubwiye twe na Barbara ko tuzorungikwa mu Burundi, muri Afrika. Twaciye twihutira kuja mu bubiko bw’ibitabu bwo muri Beteli, kuraba mu Gitabu c’umwaka abamamaji bari mu Burundi ico gihe. Twaratangaye tubuze na hamwe havuga ivy’abamamaji bari mu Burundi! Emwe twari tugiye gukorera mu cibare gishasha kiri mu mugabane w’isi ata vyinshi twari tuwuziko. Vyaraduhagaritse umutima cane! Ariko rero isengesho twatuye tubigiranye ubwira ryaratumye duturura.
Muri ico cibare, ibintu vyose vyatubereye bishasha: ikirere, imico, be n’ururimi. Twategerezwa kwiga igifaransa. Twaragize n’ingorane yo kuronka aho tuba. Haciye imisi ibiri, umwe mu bo twiganye i Gileyadi ari we Harry Arnott, yaraciye kuturaba ariko arasubira iyo yari yarungitswe gukorera muri Zambiya. Yaradufashije kuronka inzu twatanguye kubamwo. Ariko rero bidatevye, abategetsi baratanguye kuturwanya kuko ata na kimwe bari bazi ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova. Igihe nyene twari dutanguye kuryohererwa igikorwa, abategetsi baciye batumenyesha ko tutogumye muri ico gihugu ata ruhusha dufise rutwemerera gukorerayo. Ikibabaje, twaciye tuvayo maze tuja gukorera mu kindi gihugu, na co kikaba ari Ubuganda.
Kwizigira Yehova vyaratumye tudahagarika umutima cane, ku bijanye no kwinjira mu Buganda no kubayo ata ruhusha dufise. Umuvukanyi umwe wo muri Kanada yari yaje gukorera ahari inkenero mu Buganda, yarasiguriye ivyacu umutegetsi yakorera mu biro bijejwe abinjira n’abasohoka mu gihugu. Baratwemereye kumarayo amezi makeyi, kugira ngo turondere impapuro ziduha uburenganzira bwo kubayo. Ivyo vyaratweretse ko Yehova yariko aradufasha.
Ivyo mu Buganda vyari bitandukanye cane n’ivyo mu Burundi. Igikorwa c’Ubwami cari caramaze gutangura, naho mu gihugu cose hariyo Ivyabona 28 gusa. Mu cibare twararonka abantu benshi bavuga icongereza. Ariko ntitwatevye kubona ko twari dukeneye kwiga n’imiburiburi rumwe mu ndimi nyinshi zaho, kugira ngo dufashe abashimishijwe gutera imbere. Kubera ko twatanguye kwamamaza i Kampala ahavugwa cane ururimi rwitwa Luganda, twaciye twihatira kwiga urwo rurimi. Naho vyadusavye imyaka itari mike kugira ngo turumenye neza, vyaratumye turoranirwa mu gikorwa. Ivyo vyaratumye dutangura gutahura neza ivyo abo twigisha Bibiliya bakeneye mu vy’impwemu. Na bo baraduserurira akari ku mutima, bakatubwira ingene babona ivyo baba bariko bariga.
TUGIRA INGENDO ZITANDUKANYE
Turi ku rugendo mu Buganda
Umunezero twagize wo kuronka abantu bicisha bugufi kandi bakira ukuri, wariyongereye igihe twaterwa akandi gateka tutari twiteze ko kugendera amashengero mu gihugu cose. Ishami rya Kenya ryaraduhaye ubuyobozi bwo kuja kurondera ibibanza bibereye mu gihugu cose abatsimvyi badasanzwe botangura gukoreramwo. Akatari gake, abantu batari bwigere bamenya Ivyabona, baratwakira neza cane. Baratuma twumva twisanze, bakanatugaburira.
Ubukurikira twaragize urugendo rutandukanye n’urwo. Kuva i Kampala, nagize urugendo rw’imisi ibiri n’igariyamoshi gushika ku kivuko c’i Mombasa muri Kenya, nca mfata ubwato nja mu mazinga ya Seychelles, akaba ari umugwi w’amazinga ari mw’Ibahari Indiyano. Mu nyuma kuva mu 1965 gushika mu 1972, twaza turajana na Barbara kugendera ayo mazinga ya Seychelles. Ico gihe hariyo abamamaji babiri, mugabo mu nyuma habayo umugwi, mu nyuma haboneka ishengero riteye imbere. Izindi ngendo nazigize nja kugendera abavukanyi bo muri Eritreya, Etiyopiya, no muri Sudani.
Tugarutse mu Buganda, ivya politike vyarahindutse inyuma y’aho abasirikare batembagarije ubutegetsi. Imyaka y’akajagari yakurikiye, yaranyeretse ko biranga ubukerebutsi “[kwishura] Sezari ivya Sezari.” (Mrk. 12:17) Igihe kimwe, barasavye ko abanyamahanga bose boja kwiyandikisha ku gituro c’abapolisi kibegereye. Ubwo nyene twaciye tuja kwiyandikisha. Haciye imisi mikeya, igihe twe n’uwundi mumisiyonari twariko turatembera mu gisagara ca Kampala turi mu muduga, abajejwe iperereza baradufashe. Twaragize ubwoba bwinshi! Batwagirije ko turi abatasi, baca batujana ku gituro cabo, aho twabasiguriye ko turi abamisiyonari b’abanyamahoro. Twarabasiguriye ko twamaze kwiyandikisha, mugabo ntibigeze bavyemera. Baciye baturungika kuri ca gituro c’igipolisi cari hafi y’aho twaba, ducunzwe n’abapolisi. Ese ukuntu twiruhukije igihe umukuru w’ico kirindiro, uwari asanzwe azi ko twiyandikishije yatumenya, maze agategeka abapolisi baducunze kuturekura!
Muri iyo misi, akenshi twaragirira ingorane ku mabariyeri y’abasoda, na canecane igihe duhagaritswe n’abasoda baba baborewe. Ariko rero igihe cose bishitse, twarasenga maze tukumva dutekanye igihe baturekuye. Ikibabaje, mu 1973, abamisiyonari bose b’abanyamahanga, barategetswe kuva mu Buganda.
Ndiko ndacapura Igikorwa dukorera Ubwami, i Abidjan, kw’ishami ryo muri Côte d’Ivoire
Twarasubiriye guhindurirwa igikorwa, tukaba twarungitswe kuja muri Côte d’Ivoire, mu Burengero bwa Afrika. Iryo ryari ihinduka rikomeye. Vyadusaba kwiga imico mishasha, gusubira kuvuga igifaransa umwanya wose, no kumenyera kubana n’abamisiyonari b’imico itandukanye. Ariko twarongeye kubona ingene Yehova atuyobora, igihe abantu bicisha bugufi kandi b’umutima nziraburyarya bakira ningoga na ningoga inkuru nziza. Twese twariboneye ingene kwizigira Yehova vyagoroye iminyuro yacu.
Mu nyuma tutari tuvyiteze, Barbara baramutoye kanseri. Naho twagiye kwivuza incuro zitari nke i Buraya, mu 1983 vyaragaragaye ko bitari bigishoboka ko tubandanya gukorera muri Afrika. Ntiworaba ingene ivyo vyaduciye intege!
IBINTU BIHINDUKA
Turi kuri Beteli y’i Londres, kanseri ya Barbara yarunyutse, amaherezo arapfa. Umuryango wa Beteli waranshigikiye cane rwose. Hari umugabo n’umugore wiwe bamfashije canecane kumenyera no kuguma nizigiye Yehova. Nahavuye menyana na mushiki wacu yitwa Ann yakora kuri Beteli ataha, yari yarigeze kuba umutsimvyi adasanzwe. Ukuntu yakunda Yehova vyarerekana ko ari umuntu w’ivy’impwemu. Twubakanye mu 1989, kandi kuva ico gihe turacakorera kuri Beteli y’i Londres.
Twe na Ann duhagaze imbere ya Beteli nshasha yo mu Bwongereza
Kuva mu 1995 gushika mu 2018, nari mfise agateka ko guserukira icicaro gikuru (uwahora yitwa umucungezi wa zone), nkaba nagendeye ibihugu hafi 60. Muri buri gihugu, naribonera ikimenyamenya cerekana ingene Yehova ahezagira abasavyi biwe mu bihe bitandukanye.
Mu 2017, twarasubiye kugendera ibihugu vyo muri Afrika. Ese ingene nahimbawe no kujana na Ann mu Burundi, maze tugatangazwa n’iterambere basigaye bafise! Kw’ibarabara nyene nakoreyeko inzu ku nzu mu 1964, ni ho hubatse Beteli nziza cane, iyifasha abamamaji barenga 15.500.
Nararengewe n’umunezero igihe namenya ibihugu nzogendera mu 2018. Kuri urwo rutonde, harimwo igihugu ca Côte d’Ivoire. Igihe twashika i Abidjan, ku murwa mukuru, wamenga nsubiye imuhira. Igihe naraba urutonde ruriko inomero za terefone, nasanze uwitwa Sossou ari we yaba mu cumba cakurikirana n’ico twashikiyemwo, iryo zina nkaba nari ndarizi. Naciye nibuka ko uwo muvukanyi yari umucungezi w’igisagara igihe nari nkiri i Abidjan. Ariko nasanze nihenze. Yari Sossou, umuhungu wiwe.
Yehova yagiye arashitsa ivyo yasezeranye. Mu ngorane zitandukanye naciyemwo, nariboneye ko igihe twizigiye Yehova, agorora koko iminyuro yacu. Ubu turashashaye kubandanya tugendera mu munyuro uzorushiriza gukayangana gushika mw’isi nshasha.—Imig. 4:18.