IKIGANIRO C’UKWIGA CA 52
Nufashe abandi kwihanganira ibihe bigoye
“Ntureke kugirira iciza abagikwiriye kandi ukuboko kwawe kuri n’ububasha bwo kugikora.”—IMIG. 3:27.
URURIRIMBO RWA 103 Abungere ni ingabire z’abagabo
INCAMAKEa
1. Akenshi Yehova yishura gute amasengesho y’abasavyi biwe?
WARI uzi ko Yehova ashobora kugukoresha mu kwishura amasengesho y’uwuriko aramutakambira? Ivyo ni ko biri waba uri umukurambere, umukozi w’ishengero, umutsimvyi canke umwamamaji asanzwe. Ni na ko bimeze waba ukiri muto, ukuze, uri umuvukanyi canke mushiki wacu. Igihe umuntu akunda Yehova amutakambiye ngo amufashe, akenshi Imana yacu ikoresha abakurambere be n’abandi basavyi bayo b’abizigirwa kugira ngo babere uwo muntu “imfashanyo ikomeza.” (Kol. 4:11) Ese ukuntu ari agateka gukorera Yehova be n’abavukanyi bacu muri ubwo buryo! Twoshobora gufasha abavukanyi bacu mu gihe c’indwara y’ikiza, igihe hateye icago c’icaduka canke mu ruhamo.
NUFASHE ABANDI MU GIHE C’INDWARA Y’IKIZA
2. Kubera iki vyoshobora kutugora gufasha abandi mu gihe c’indwara y’ikiza?
2 Mu gihe c’indwara y’ikiza birashobora kutoroha ko dufashanya. Nk’akarorero, twokwipfuza kuja kuramutsa abagenzi mugabo ugasanga birimwo akaga. Twoshobora kwipfuza gutumira abafise amikoro make kugira ngo dusangire ibifungurwa, ariko na vyo nyene ntibishoboke. Twoshobora kwipfuza gufasha abandi, mugabo ugasanga na vyo nyene ntibitworoheye kubera ko na twebwe ubwacu tuba dufise ingorane mu muryango. Naho ari ukwo, turipfuza gufasha abavukanyi bacu, kandi Yehova arahimbarwa iyo dukoze ivyo dushoboye vyose kugira ngo tubafashe. (Imig. 3:27; 19:17) None twokora iki?
3. Twigira iki ku karorero k’abakurambere bo mw’ishengero Desi arimwo? (Yeremiya 23:4)
3 Ivyo abakurambere bokora. Nimba uri umukurambere, nugerageze kumenya neza intama ujejwe. (Soma Yeremiya 23:4.) Umwe Desi twavuga mu kiganiro c’imbere y’iki, agira ati: “Abakurambere bo mu mugwi wacu wo gusohoka mu ndimiro, akenshi barakorana nanje be n’abandi mu ndimiro bakongera bakifatanya natwe mu bihe vyo kwisamaza.”b Utwigoro abo bungere bagize, twaratumye vyoroha ko bafasha Desi igihe ikiza ca Korona caduka maze kigahitana bamwebamwe bo mu muryango wiwe.
4. Ni igiki catumye abakurambere bashobora gufasha Desi, kandi ni icigwa ikihe tuhakura?
4 Desi asigura ati: “Kubera ko abo bakurambere bari baramaze kuba abagenzi, vyaranyoroheye kubabwira uko niyumva be n’ibindaje ishinga.” Ni icigwa ikihe none abakurambere bohakura? Yemwe bakurambere, nimuragire abo mujejwe imbere y’uko hatera icago. Nimubabere abagenzi. Igihe hateye indwara y’ikiza bigatuma udashobora kubagendera muhira iwabo, nukoreshe ubundi buryo. Desi avuga ati: “Rimwe na rimwe ku musi umwe abakurambere batandukanye baranterefona canke bakandungikira mesaje. Ivyanditswe bansomera vyarankora ku mutima naho nari nsanzwe ndabizi neza.”
5. Abakurambere bomenya gute ivyo abavukanyi na bashiki bacu bakeneye maze bakabafasha?
5 Kimwe mu vyo wokora kugira ngo umenye ivyo abavukanyi bacu na bashiki bacu bakeneye, ni ukubabaza utubazo ubigiranye ukwiyubara. (Imig. 20:5) Boba bafise ibifungurwa bihagije, imiti be n’ibindi bintu vya nkenerwa? Boba bahakwa gutakaza akazi canke mbere kubura amahera yo kuriha inzu? Boba bakeneye ko tubafasha kuronka imfashanyo itangwa na leta? Abavukanyi barafashije Desi kuronka ivyo yari akeneye ku mubiri. Ariko rero icamufashije cane muri izo ngorane, ni urukundo abakurambere bamugaragarije be n’indemesho zishingiye ku Vyanditswe bamuhaye. Avuga ati: “Abakurambere barasenze turi kumwe. Naho ntibuka neza na neza ivyo bavuze, ndibuka ko numvise ndemye. Ni nk’aho Yehova yariko ambwira ati: ‘Nturi wenyene.’”—Yes. 41:10, 13.
Umuvukanyi ariko arayobora ikiganiro araryohewe no kwumviriza inyishu ziremesha zitangwa n’abo bari kumwe kw’ikoraniro be n’izitangwa n’umuvukanyi arwaye yifatanije na bo biciye ku buhinga bwa none (Raba ingingo ya 6)
6. Abenshi mw’ishengero bofasha abandi gute? (Raba ishusho.)
6 Ivyo abandi bokora. Ego ni ko, abakurambere ni bo bafata iya mbere mu gufasha abavukanyi, ariko rero Yehova yipfuza ko twese turemesha abandi tukongera tukabafasha. (Gal. 6:10) Akantu kose twokorana urukundo naho koba ari gatoyi karashobora gukora ku mutima umuntu arwaye. Umwana arashobora kurungikira umuvukanyi agakete karemesha canke akantu yamucapiye. Uwukuze na we yoshobora kuja gusumira mushiki wacu canke kumufasha mu bindi. Abandi na bo boshobora guteka ibifungurwa maze bakabigemurira uwurwariye i muhira. Ariko rero, igihe ikiza gikwiragiye, umwe wese mu bagize ishengero aba akeneye kuremeshwa. Kumbure inyuma y’amakoraniro twoshobora kumara akanya tuyaga n’abavukanyi na bashiki bacu haba amaso mu yandi canke biciye ku buhinga bwa vidéoconférence. Abakurambere na bo nyene barakeneye kuremeshwa. Ivyabona bamwebamwe bararungikiye abakurambere agakete ko kubashimira kubera ko bitanze cane mu kiringo c’ikiza. Ese ukuntu biremesha iyo umwumwe wese agize uruhara ‘mu guhoza abandi no mu kububaka’!—1 Tes. 5:11.
NUFASHE ABANDI IGIHE HATEYE ICAGO C’ICADUKA
7. Icago c’icaduka gishobora guteza ingorane izihe?
7 Icago c’icaduka kirashobora guhindura ubuzima bw’umuntu mu kanya isase. Abantu boshobora gutakaza ivyo batunze, inzu yabo canke mbere bakabura ababo. N’abavukanyi barashikirwa n’ivyo vyago. None twobafasha gute?
8. Abakurambere na ba serugo bokora iki imbere y’uko hatera icago c’icaduka?
8 Ivyo abakurambere bokora. Bakurambere, nimufashe abavukanyi banyu kwitegura imbere y’uko hatera icago c’icaduka. Nimwitwararike ko abagize ishengero bose bamenya ivyo bokora kugira barokoke, n’ingene bohanahana amakuru n’abakurambere. Umwe Margaret twavuga mu kiganiro c’imbere y’iki agira ati: “Mu kiganiro c’ibikenewe iwacu, abakurambere baratuburiye ko umuriro wari gushobora gusubira kwaduka mu karere iwacu. Batubwiye ko hamwe twobona ibintu bibaye nabi canke abategetsi bakadusaba gukinjura, twoca tuhava tudatebaganye.” Ico kiganiro caje hageze kuko inyuma y’indwi zitanu haciye haduka umuriro ukomeye. Mu gusenga kwo mu muryango, ba serugo barashobora kurimburira hamwe n’imiryango yabo ico umwumwe wese yokora hateye icago. Nimwaba mwiteguye mwe n’abana banyu, bizokworoha ko muguma mutekanye nihatera icago c’icaduka.
9. Abakurambere basenyera ku mugozi umwe gute imbere y’uko icago caduka be n’inyuma yaco?
9 Nimba uhagarikiye umugwi wo gusohoka mu ndimiro, niwiyemeze ko ufise inomero za telefone z’abo muri kumwe mu mugwi bose imbere y’uko icago c’icaduka gitera. Nugire urutonde rwazo kandi uze urasuzuma ko ari zo bagikoresha. Gutyo nihatera icago c’icaduka, uzoshobora kuvugana n’umwamamaji wese kugira ngo umenye ivyo akeneye. Amakuru uzoba uronse, uraca uyamenyesha ubwo nyene umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere na we abimenyeshe umucungezi w’umuzunguruko. Gusenyera ku mugozi umwe birashobora kuba ngirakamaro cane. Inyuma ya wa muriro, umucungezi w’umuzunguruko Margaret yarimwo yamaze amasaha 36 ataryama, afasha abakurambere mu gikorwa co kuvugana n’abamamaji nka 450 bari bateshejwe izabo be no kubitwararika. (2 Kor. 11:27) Ivyo vyatumye abantu bose bari bakeneye aho bakika umusaya baharonka.
10. Kubera iki abakurambere bafatana uburemere ibanga ryo kwitwararika intama z’Imana? (Yohani 21:15)
10 Mu vyo abakurambere bajejwe harimwo guhumuriza abavukanyi no kubaremesha bisunze Ivyanditswe. (1 Pet. 5:2) Igihe hateye icago, ikintu ca mbere abakurambere bakwiye kwitwararika ni ukumenya ko abavukanyi na bashiki bacu ata co babaye, ko bafise ibifungurwa, ivyambarwa n’aho gukika umusaya. Ariko rero n’inyuma y’amezi atari make, abo bavukanyi baba bagikeneye indemesho zishingiye ku Vyanditswe no guhumurizwa. (Soma Yohani 21:15.) Umuvukanyi umwe wo muri Komite y’ishami yitwa Harold, akaba amaze kuyaga n’abavukanyi na bashiki bacu benshi bashikiwe n’ivyago, avuga ati: “Gusubira nk’uko bari bameze bifata igihe. Naho botangura gusubirana, ntibashobora kwibagira ababo babuze, ivyo batakaje canke amabi bahaboneye. Ivyo bintu vyabatuntuje birashobora kuza birabagarukamwo. Ivyo ntivyerekana ko batagira ukwizera ahubwo ni ko abantu dusanzwe turemwe.”
11. Ni ibiki imiryango ishobora kuguma ikenera?
11 Abakurambere barakurikiza impanuro yo ‘kurirana n’abarira.’ (Rom. 12:15) Abarokotse icago boshobora gukenera guhumurizwa ko Yehova n’abavukanyi babo bakibakunda. Vyoba vyiza abakurambere bafashije imiryango kuguma bafise urutonde rwiza mu vy’impwemu, ushizemwo ugusenga, ukwiyigisha, ukwitaba amakoraniro no kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza. Abakurambere barashobora kandi kuremesha abavyeyi gufasha abana babo kugumiza umutima ku bintu ata cago c’icaduka na kimwe gishobora gusenyura. Bavyeyi, nimwibutse abana banyu ko Yehova azokwama ababera Umugenzi be n’uko azokwama ari hafi yabo ngo abafashe. Vyongeye, nimubasigurire ko umuryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose uzokwama witeguriye kubafasha.—1 Pet. 2:17.
Hamwe icago c’icaduka cotera mu karere iwanyu, woba wokwitanga ukaja gufasha? (Raba ingingo ya 12)e
12. Abandi bokora iki kugira ngo bafashe abashikiwe n’icago? (Raba ishusho.)
12 Ivy’abandi bokora. Igihe icago giteye hafi yanyu, nubaze abakurambere ingene wofasha. Kumbure woshobora kuba urahaye indaro abateshejwe izabo canke abitanze kugira ngo babasanurire amazu. Woshobora kuronsa ibifungurwa abamamaji bari mu nkenero hamwe n’ibindi vya nkenerwa. N’igihe icago coba cateye kure y’iwanyu, na ho nyene woshobora gufasha. Uti gute? Mu gusengera abashikiwe n’ivyago. (2 Kor. 1:8-11) Woshobora no gushigikira igikorwa co gutabara mu gutanga amahera agenewe igikorwa co kw’isi yose. (2 Kor. 8:2-5) Nimba ushobora kwishikira mu karere katewe n’icago, nubaze abakurambere ingene wosaba kuja gufasha. Niwemererwa uzohabwa ukumenyerezwa kugira ngo uzoshobore kuba kirumara aho uzokenerwa hose.
NUFASHE ABAVUKANYI KWIHANGANIRA URUHAMO
13. Ni ingorane izihe zishikira abavukanyi baba mu bihugu usanga igikorwa cacu kibujijwe?
13 Mu bihugu aho igikorwa cacu kibujijwe, uruhamo ruratuma ubuzima bugora cane. Abavukanyi bo muri ivyo bihugu baragira ingorane z’amahera, bakarwara bakongera bakabura ababo. Mugabo kubera ko igikorwa kiba kibujijwe, hari aho bitoshoboka ko abakurambere bagendera abavukanyi bakeneye indemesho canke ngo baganire na bo nk’uko bavyipfuza. Ivyo ni vyo vyashikiye Andrei, umwe twavuga mu kiganiro c’imbere y’iki. Mu mugwi wabo wo gusohoka mu ndimiro, hari mushiki wacu umwe yari afise ingorane z’ivy’ubutunzi. Mu nyuma uwo mushiki wacu yaragize isanganya n’umuduga. Yarabazwe incuro zitari nke mugabo ntihagira ikivamwo. Naho hari mu gihe c’uruhamo n’ikiza, abavukanyi barakoze uko bashoboye kwose kugira ngo bamufashe kandi Yehova yarabibonye.
14. Abakurambere botanga akarorero gute ko kwiheka kuri Yehova?
14 Ivyo abakurambere bokora. Andrei yarasenze yongera arakora ivyo ashoboye vyose. None Yehova yishuye gute amasengesho yiwe? Yaciye akoresha abandi bo mw’ishengero bari bafise umwidegemvyo wiyongereye kugira ngo bafashe uwo mushiki wacu. Bamwe baramujana kwa muganga, abandi na bo bagatanga amahera yo kumufasha. Yehova yarabavyuriye umutima wo kumufasha uko bashoboye kwose yongera arahezagira ukwitanga kwabo be n’ugusenyera ku mugozi umwe kwabo. (Heb. 13:16) Yemwe bakurambere, igihe igikorwa cacu kibujijwe nimusabe abandi bagire ico bafashije. (Yer. 36:5, 6) Ikiruta vyose, nimwiheke kuri Yehova. Arashobora kubafasha kwitwararika ivyo abavukanyi na bashiki bacu bakeneye.
15. Twoguma dufatanye mu nda gute mu gihe c’uruhamo?
15 Ivyo abandi bokora. Mu gihe c’uruhamo twoshobora kwikoranya mu migwi mitomito. Ni co gituma biba bihambaye ko tubana neza n’abandi. Dukwiye kurwanya Shetani aho gucanamwo. Niwirengagize amakosa y’abavukanyi bawe canke mugerageze gutunganya ingorane mufitaniye mudatevye. (Imig. 19:11; Ef. 4:26) Nimufashanye n’umutima ukunze. (Tito 3:14) Ingene abandi bafashije umwe mushiki wacu yari mu nkenero vyaragize ingaruka nziza ku bagize umugwi wabo wose wo gusohoka mu ndimiro. Abawugize bararushirije kwiyegerezanya baba nk’umuryango.—Zab. 133:1.
16. Twisunze Abakolosayi 4:3, 18, twofasha gute abavukanyi na bashiki bacu bari mu ruhamo?
16 Abavukanyi na bashiki bacu ibihumbi n’ibihumbi baguma bakorera Yehova naho intwaro zibaburabuza. Hari abapfunzwe bazira ukwizera kwabo. Turashobora kubasengera n’imiryango yabo, tugasengera n’abo bose bemera kuja mu kaga kugira ngo baronse abo bavukanyi na bashiki bacu ivyo bakenera mu vy’impwemu, ku mubiri no mu bijanye n’amategeko.c (Soma Abakolosayi 4:3, 18.) Ntukigere ufatira mu rwara ububasha bw’amasengesho utura!—2 Tes. 3:1, 2; 1 Tim. 2:1, 2.
Wofasha gute umuryango wawe kuba uritegurira uruhamo? (Raba ingingo ya 17)
17. Ni gute woba uritegurira uruhamo ubu?
17 Mwe n’umuryango wawe murashobora kuba muritegurira uruhamo ubu. (Ivyak. 14:22) Ntugerageze kwiyumvira ibintu bibi vyose vyoshobora gushika. Ahubwo nukomeze ubucuti ufitaniye na Yehova wongere ufashe abana bawe kubigenza gutyo nyene. Bishitse ugahagarika umutima, nuce usenga Yehova. (Zab. 62:7, 8) Nimurabire hamwe uko mugize umuryango imvo zose zotuma mumwizigira.d Cokimwe no mu gihe hateye icago c’icaduka, niwitegurira uruhamo ukongera ukizigira Yehova, bizotuma abana bawe bagira umutima rugabo bongere batekane.
18. Twiteze iki muri kazoza?
18 Amahoro y’Imana aratuma twumva dutekanye. (Flp. 4:6, 7) Biciye kuri ayo mahoro, Yehova aratururuza imitima yacu muri iki gihe, iyo dushikiwe n’indwara, ivyago vy’ivyaduka be n’uruhamo. Arakoresha abakurambere bitanga cane kugira batwitwararike. Vyongeye, twese yaraduteye agateka ko gufashanya. Amahoro twifitiye ubu azotuma dushikama mu bihe bigoye kuruta biri imbere, eka mbere no mu gihe ca ya “makuba akomeye.” (Mat. 24:21) Ico gihe tuzokenera kuguma dutekanye twongere dufashe n’abandi kubigenza gutyo nyene. Ariko rero inyuma y’amakuba akomeye, ntituzosubira gushikirwa n’ingorane zituma duhagarika umutima. Tuzoba tuza twaronka ico Yehova yamye atwipfuriza, ni ukuvuga amahoro nyakuri kandi yamaho.—Yes. 26:3, 4.
URURIRIMBO RWA 109 Dukundane cane bivuye ku mutima
a Akenshi Yehova arakoresha abasavyi biwe b’intahemuka kugira ngo bafashe abari mu bihe bigoye. Arashobora kugukoresha kugira ngo uremeshe abavukanyi bawe. Reka turabe ingene twofasha abandi igihe bari mu ngorane.
b Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.
c Amakete abavukanyi bandikira abo basangiye ukwizera bari mw’ibohero ntacishwa ku biro vy’ishami canke ku bari ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova ngo abe ari bo bayarungika.
d Raba ikiganiro kivuga ngo “Niwitegurire uruhamo ubu” mu Munara w’Inderetsi wo muri Mukakaro 2019.
e INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umugabo n’umugore bagemuriye ibifungurwa umuryango umwe uri aho wahungiye icago c’icaduka.