ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp23 no. 1 rup. 12-13
  • 4 | Bibiliya iratanga impanuro ngirakamaro

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 4 | Bibiliya iratanga impanuro ngirakamaro
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2023
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ico bisobanura
  • Ingene vyoshobora kudufasha
  • Ingene Bibiliya iriko irafasha abafise ingorane z’amagara yo mu mutwe
  • Ingene wokwihanganira indwara ikomeye
    Ibindi biganiro
  • Indwara zo mu mutwe zihanze isi yose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2023
  • Ivyo ukwiye kumenya ku bijanye n’ingorane zo mu mutwe
    Be maso!—2014
  • 3 | Uburorero bwo muri Bibiliya burashobora kugufasha
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2023
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2023
wp23 no. 1 rup. 12-13
Umugore ariko anyonga ikinga aryohewe.

4 | Bibiliya iratanga impanuro ngirakamaro

BIBILIYA IVUGA ITI: “Icanditswe cose . . . ni ngirakamaro.”​—2 TIMOTEYO 3:16.

Ico bisobanura

Naho Bibiliya atari igitabu c’ivy’ubuvuzi, iratanga impanuro ngirakamaro. Izo mpanuro zirashobora gufasha umuntu afise ingorane z’amagara yo mu mutwe. Raba uburorero bumwebumwe.

Ingene vyoshobora kudufasha

“Abafise amagara meza ntibakenera umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukenera.”​—MATAYO 9:12.

Bibiliya iravuga ko vyoshika tugakenera kwivuza. Abafise indwara zo mu mutwe benshi barumvise baruhuriwe igihe bamenya amakuru atomoye ajanye n’iyo ndwara, bakongera bakaja kwivuza.

“Kumenyereza umubiri bi[ra]gira akamaro.”​—1 TIMOTEYO 4:8.

Kwama ugira utumenyero twiza, birashobora kugufasha kugira amagara meza yo mu mutwe. Muri utwo tumenyero harimwo kwama winonora imitsi, gufungura neza no gusinzira bihagije.

“Umutima unezerewe ugira neza nk’umuti uvūra, mugabo umutima ukubititse wumisha amagufa.”​—IMIGANI 17:22.

Gusoma imirongo iremesha yo muri Bibiliya no kwishingira imigambi ushobora gushikako, birashobora gutuma ugira umunezero. Kubona ko ibintu bizogenda neza be no kutihebura, birashobora kugufasha kwihanganira ingorane z’amagara yo mu mutwe.

“Ubukerebutsi buri kumwe n’abifata ruto.”​—IMIGANI 11:2.

Kubera ko vyoshika ntushobore gukora ivyo wipfuza vyose, urakwiye kwemera ko abandi bagufasha. Incuti n’abagenzi boshobora kwipfuza kugufasha, mugabo ntibamenye ico bokora. Babwire ivyo woshima ko bogufasha. Ntubitegeko ibidashoboka. Vyongeye, niwame ukenguruka ivyo bagukorera vyose.

Ingene Bibiliya iriko irafasha abafise ingorane z’amagara yo mu mutwe

“Narumvise ko hari ikitagenda neza muri jewe, nca nja kwa muganga. Yarabonye ingorane nari mfise. Ivyo vyaramfashije kwiyakira no kumenya ingene nokwivuza mu buryo bwiza.”​— Uwitwa Nicole,a akaba arwaye indwara y’ihindagurika ry’imero.

Umugore ariko arayaga n’umuganga.

“Nasanze kwama nsoma Bibiliya ndi kumwe n’umukenyezi wanje bimfasha gutangura umusi mfise ivyiyumviro vyiza kandi biremesha. Igihe na ho iyo ndwara iba yamvyutse, ntihabura umurongo wo muri Bibiliya undemesha.”​—Uwitwa Peter, akaba arwaye akabonge.

“Vyarangora kubwira abandi ingene ndwaye kubera ko vyantera isoni. Ariko hari umugenzi somambike yantega yompi abigiranye impuhwe nyinshi, kandi akagerageza kuntahura. Mu vy’ukuri, yaratumye numva norohewe kandi ko ntari jenyene.”​—Uwitwa Ji-yoo, akaba yari afise ingorane yo kudafungura neza.

“Bibiliya yaramfashije kwiga kuruhuka bikwiye, aho gutwarwa n’ibikorwa. Impanuro itanga zaramfashije kwihanganira izo ngorane namana.”​—Uwitwa Timothy, akaba arwaye indwara imuhungabanya cane mu bwenge.

a Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

Ividewo “Umubabaro ufise urashobora guhera.”
Ibindi vyogufasha:

Nurabe kuri jw.org, ividewo y’ibisigurwa bariko barabicapa ivuga ngo Umubabaro ufise urashobora guhera.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika