ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w23 Ruhuhuma rup. 31
  • Bariboneye urukundo mu bikorwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bariboneye urukundo mu bikorwa
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Ivyo bijanye
  • Inyuguti zihindura ubuzima
    Ingene intererano mutanga zikoreshwa
  • Abantu b’inzirabugunge baratuma Yehova ashemezwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Kubaho utabona
    Be maso!—2015
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Kubwira inkuru nziza impumyi
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
w23 Ruhuhuma rup. 31

[Uva ibubamfu uja iburyo] Marcelo, Yomara, na Hiver. Umwe wese muri bo afise igice ca Bibiliya y’isi Nshasha yo mu nyuguti z’impumyi mu gisupanyoli

Bariboneye urukundo mu bikorwa

YOMARA na basazawe, ari bo Marcelo na Hiver, baba mu kigwati gitoyi co muri Gwatemala. Yomara ni we yatanguye kwiga Bibiliya n’Ivyabona, mu nyuma basazawe na bo barakurikira. Mugabo bari bafise ingorane. Uko ari batatu ni impumyi, kandi ntibari bazi gusoma inyuguti z’impumyi. Uwabigisha Bibiliya rero ni we yabasomera ingingo be n’Ivyanditswe vyo muri Bibiliya.

Iyindi ngorane bari bafise kwari ukwitaba amakoraniro y’ishengero. Ntibashobora kwijana ku Ngoro y’Ubwami yari hafi yabo, rukaba rwari urugendo rw’iminuta 40. Ariko abavukanyi bo muri iryo shengero baratunganije ivyo kuza barabazana ku makoraniro. Igihe abo bavukana batangura gushikiriza ibiganiro vy’abanyeshure mw’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu, abavukanyi barabafashije gufata ku mutwe ibiganiro vyabo.

Muri Rusama 2019, amakoraniro yaratanguye kugirirwa mu kigwati iwabo. Ico gihe, hari umugabo n’umugore b’abatsimvyi basanzwe bari barimukiye muri ico kigwati. Baciye bishingira umugambi wo kubigisha bose uko ari batatu gusoma no kwandika inyuguti z’impumyi, naho uwo mugabo n’umugore batari bazi ingene bobigenza. Baciye baja ahari ububiko bw’ibitabu kwiga ibijanye n’inyuguti z’impumyi be n’uburyo bokoresha mu kwigisha abandi.

Marcelo ariko aratanga inyishu mw’ikoraniro

Mu mezi makeyi gusa, abo bavukana uko ari batatu bari bamaze kumenya gusoma neza inyuguti z’impumyi, ivyo bikaba vyatumye barushiriza gutera imbere mu vy’impwemu. Ubu Yomara, Marcelo na Hiver ni abatsimvyi basanzwe. Marcelo ni umukozi w’ishengero. Bamara indwi yose bakorana umwete igikorwa ca Yehova. Umwete wabo warandukiye abandi.

Uko ari batatu barakenguruka cane kubona ingene ishengero ryabashigikiye ribigiranye urukundo. Yomara avuga ati: “Kuva umusi twabonana n’Ivyabona, baratugaragarije urukundo ruranga abakirisu b’ukuri.” Marcelo yongerako ati: “Turifitiye abagenzi beza mw’ishengero, kandi turi mu bagize umuryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose urangwa urukundo.” Yomara na basazawe barashashaye kubona umusi isi izohinduka ikaba iparadizo.—Zab. 37:10, 11; Yes. 35:5.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika