Ingene wokwiyigisha
Nufate ku mutwe indirimbo zacu
«Igihe numva umenga nta co maze, Yehova arandemesha biciye ku ndirimbo zacu zisohorwa kuri televiziyo ya JW.»—Lorraine wo muri Amerika.
«Indirimbo z’ivy’impwemu» zamye ziri mu bigize ugusenga kwacu. (Kol. 3:16) Gufata izo ndirimbo ku mutwe, birashobora kugufasha n’igihe utoba ufise igitabu canke akuma ko mu buhinga bwa none. Nugerageze ibi vyiyumviro bikurikira vyogufasha kuzifata ku mutwe.
Nusome ururirimbo witonze urondera gutahura ico rusobanura. Iyo utahuye ico amajambo yarwo asobanura, bica bikworohera kurwibuka. Amajambo y’indirimbo zacu zose, ushizemwo indirimbo zisanzwe be n’iz’abana, araboneka kuri jw.org. Ja ahavuga ngo «Ivyasohowe», uce uraba ahavuga ngo «Umuziki.»
Niwandike amajambo yarwo ku rupapuro. Ivyo vyoshobora gutuma ayo majambo arushiriza kwiyandika mu bwenge.—Gus. 17:18.
Nuze uraruririmba n’ijwi ryumvikana. Nuze urarusoma kenshi canke ururirimba wisubiriza.
Niwipime ko urwibuka. Nugerageze kwibuka amajambo arugize utaravye aho yanditse kugira ngo urabe ivyo wibuka uko bingana.