ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp24 no. 1 rup. 6-9
  • Bibiliya iradufasha gutandukanya iciza n’ikibi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bibiliya iradufasha gutandukanya iciza n’ikibi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2024
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • TURAKENEYE KUYOBORWA N’IMANA
  • BIBILIYA IREREKANA INGENE IMANA ITUYOBORA
  • Ibindi vyofasha umuryango
    Be maso!—2018
  • Ni igiki codufasha kugira kazoza keza?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2021
  • Ni wewe wihitiramwo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2024
  • Ivyogufasha
    Be maso!—2020
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2024
wp24 no. 1 rup. 6-9

Bibiliya iradufasha gutandukanya iciza n’ikibi

Hamwe twofata ingingo twisunze gusa ico umutima utubwiye be n’ivyiyumviro vy’abandi, ntitwokwemeza tudakeka ko bizogenda neza. Bibiliya iradusigurira igituma ari ukwo bimeze. Ariko rero iratubwira n’ibindi. Irimwo ingingo ngenderwako zo kwizigirwa zidufasha gutandukanya iciza n’ikibi, ivyo bikaba ari ntahara kugira tubeho duhimbawe.

TURAKENEYE KUYOBORWA N’IMANA

Muri Bibiliya, Yehovaa Imana aratubwira ko igihe yarema abantu yashaka ko babaho bamwisunga aho kwisunga ivyiyumviro vyabo bwite. (Yeremiya 10:23) Ni co gituma yaturonkeje ingingo ngenderwako dusanga muri Bibiliya zidufasha gutandukanya iciza n’ikibi. Kubera ko akunda abantu, yipfuza kubakingira intuntu n’umubabaro biva ku gufata ingingo mbi. (Gusubira mu vyagezwe 5:29; 1 Yohani 4:8) N’ikiruta vyose, kubera ko ari Umuremyi wacu, arafise ubumenyi n’ubukerebutsi usanga dukeneye kugira ngo dushobore gutandukanya iciza n’ikibi. (Zaburi 100:3; 104:24) Naho ari ukwo, Imana ntiyigera ihatira abantu kwisunga ingingo ngenderwako zayo.

Yehova yararonkeje abavyeyi bacu ba mbere, ari bo Adamu na Eva, ibintu vyose vyari gutuma bahimbarwa vy’ukuri. (Itanguriro 1:​28, 29; 2:​8, 15) Yaranabahaye amabwirizwa atagoye bategerezwa gukurikiza. Ariko rero, yarabaretse barihitiramwo nimba boyakurikiza canke batoyakurikiza. (Itanguriro 2:​9, 16, 17) Ikibabaje, Adamu na Eva bahisemwo kwisunga ivyiyumviro vyabo aho kwisunga amabwirizwa y’Imana. (Itanguriro 3:6) None vyavuyemwo iki? Abantu vyoba bibagendera neza igihe ari bo bishingiye iciza n’ikibi? Habe namba. Ivyagiye biraba muri kahise k’abantu, birerekana ko igihe abantu batisunze ingingo ngenderwako z’Imana batigera baronka amahoro arama n’agahimbare nyakuri.—Umusiguzi 8:9.

Bibiliya irimwo ingingo ngenderwako zodufasha gufata ingingo nziza, aho twoba tuba hose kw’isi. (2 Timoteyo 3:​16, 17; raba uruzitiro ruvuga ngo «Igitabu kigenewe abantu bose.») Reka turabe ingene Bibiliya ibidufashamwo.

Nurabe igituma bibereye ko Bibiliya yitwa «ijambo ry’Imana.» —1 Abatesalonika 2:13. Raba ividewo dusanga kuri jw.org ivuga ngo Bibiliya ikomoka kuri nde?

IGITABU KIGENEWE ABANTU BOSE

Kubera ko Umuremyi wacu afise urukundo n’ubukerebutsi, araronsa abantu bose impanuro ngirakamaro. Ivyo turabibona turavye ukuntu abantu nka bose bashobora kuronka Bibiliya.

Abantu bo mu bihugu bitandukanye bariko barasoma Bibiliya. Imbere yabo hari Bibiliya zo mu mpapuro be n’izo mu buhinga bwa none.
  • Bibiliya, yaba yose canke igice cayo, iboneka mu ndimi zirenga 3.500. Ivyo bituma iba co gitabu kiri mu ndimi nyinshi kuruta ibindi vyose.

  • Hamaze gucapurwa Bibiliya zirenga 5.000.000.000. Ivyo bituma iba co gitabu cakwiragijwe cane kuruta ibindi vyose.

Nta bwoko, canke igihugu, canke imico kama Bibiliya irutisha ibindi. Mu vy’ukuri, ni igitabu kigenewe abantu bose.

Soma Bibiliya ku rubuga rwa jw.org (iraboneka mu ndimi zirenga 250)

Umuntu ariko arasoma Bibiliya ashize urutoki ku vyo ariko arasoma.

IGITUMA HARI ABIYUMVIRA KO ATA CO BIBILIYA YOBAFASHA

Abantu bamwebamwe bavuga ko Bibiliya idashobora kubaronsa impanuro ngirakamaro. Raba bimwebimwe mu vyo bavuga.

Ivyo bavuga: «Bibiliya irivuguruza.»

Ukuri: Imirongo mikeyi isa n’iyivuguruza, umuntu arashobora kuyitahura aravye ingene ibintu vyari vyifashe igihe inkuru kanaka yandikwa, uwanditse iyo nkuru, imico n’imigenzo vy’ico gihe, n’ibindi n’ibindi.

Kugira ubone uburorero bujanye n’ivyo, nusome ikiganiro co kuri jw.org kivuga ngo «Ibiri muri Bibiliya vyoba bidahuza?»

Ivyo bavuga: «Abavuga ko bisunga Bibiliya usanga bakora ibintu bibi. Bibiliya rero itegerezwa kuba idatanga impanuro nziza.»

Ukuri: Bibiliya si yo yokwagirizwa inyifato mbi y’abantu badakurikiza inyigisho ziri muri yo. Bibiliya yari yaravuze ko abantu benshi bavuga ko bisunga ibiri muri yo, ushizemwo n’abakuru b’amadini, bokoze ibitandukanye n’ivyo ivuga. Bibiliya iravuga kandi ko ivyo vyotumye inyigisho ziri muri yo ‘zitukwa.’—2 Petero 2:​1, 2.

Kugira ngo ubone akarorero kerekana ingene abakuru b’amadini benshi batagikurikiza ivyo Bibiliya yigisha, raba ikiganiro co kuri jw.org kivuga ngo «Idini bwoba ari ubundi buryo bwo kurondera amahera?»

Ivyo bavuga: «Bibiliya iremesha ukutihanganira abandi.»

Ukuri: Bibiliya ituremesha kwubaha abandi. Ntishigikira izi nyifato:

  • Kubona ko uruta abandi.—Abafilipi 2:3.

  • Gusuzugura abo mudasangiye ukwemera canke imico.—1 Petero 2:17.

  • Guhatira abandi kwemera ivyiyumviro vyacu.—Matayo 10:14.

Bibiliya irerekana ko Imana yama yitwararika abantu ibigiranye ubuntu, ata karenganyo, ikaba yipfuza ko natwe tubigenza gutyo.—Abaroma 9:14.

Wipfuza kumenya n’ibindi, raba ikiganiro co kuri jw.org kivuga ngo «Ingene Bibiliya yodufasha kwubahiriza abandi.»

BIBILIYA IREREKANA INGENE IMANA ITUYOBORA

Bibiliya iratubwira ibijanye n’imigenderanire Imana yagiye iragirana n’abantu. Ivyo ivuga biradufasha gutahura ivyo Imana ibona ko ari vyiza n’ivyo ibona ko ari bibi, ibishobora kutugirira neza n’ibishobora kutugirira nabi. (Zaburi 19:​7, 11) Irimwo ingingo ngenderwako zidata igihe zidufasha gufata ingingo nziza mu buzima bwa misi yose.

Nk’akarorero, raba iyi impanuro dusanga mu Migani 13:​20, igira iti: «Uwugendana n’abanyabwenge azoba umunyabwenge, ariko uwifatanya n’ibijuju azokwibonerako.» Iyo mpanuro iracari ngirakamaro no muri iki gihe. Bibiliya irimwo impanuro ngirakamaro nyinshi nk’izo.—Raba uruzitiro ruvuga ngo «Impanuro zo muri Bibiliya ntizita igihe.»

Ariko rero woshobora kwibaza uti: «Nokwemezwa n’iki ko impanuro Bibiliya itanga ari ngirakamaro no muri iki gihe?» Ikiganiro gikurikira kiraza kutwereka uburorero bumwebumwe bw’abo yafashije.

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana.—Yesaya 12:2.

IMPANURO ZO MURI BIBILIYA NTIZITA IGIHE

Naho haheze imyaka hafi 2.000 Bibiliya yanditswe, iracafise akamaro muri iki gihe. Abantu bamye bipfuza kugira agahimbare be n’ubuzima bwiza, kandi n’ubu ni ko bikiri. (Umusiguzi 1:9) Impanuro zidata igihe dusanga muri Bibiliya, zirashobora kudufasha kubishikako.

Kuba umwizigirwa

  • «Dushaka kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.»—Abaheburayo 13:18.

  • «Uwiba ntiyongere kwiba, ahubwo nakore cane.»—Abanyefeso 4:28.

Kubana neza n’abandi

  • «Umuntu wese ntagume arondera akarusho kiwe bwite, ahubwo arondere ak’uwundi.»—1 Abakorinto 10:24.

  • «Mubandanye kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi.»—Abakolosayi 3:13.

Gufata ingingo nziza

  • «Umuntu atagira ubwenge yemera ivyo bamubwiye vyose, ariko umuntu yiyubara aritondera intambuko ziwe.»—Imigani 14:15.

  • «Umunyabwenge arihisha abonye akaga kaje, ariko ibijuju birabandanya inzira maze bikibonerako.»—Imigani 22:3.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika