ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w24 Nzero rup. 19
  • Wari ubizi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Wari ubizi?
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Ivyo bijanye
  • Filipo Abátiza Umutware Munyetiyopiya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • Numenyeshe «inkuru nziza yerekeye Yezu»
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • Niwerekane agatima k’ubutsimvyi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Kuyaga mu buryo busanzwe
    Nukunde abantu ubahindure abigishwa
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
w24 Nzero rup. 19
Filipo yicaranye n’umugabo w’Umunyetiyopiya mu mukogote w’amapine ane ukwegwa n’amafarasi, akaba ariko amusigurira Ivyanditswe.

Wari ubizi?

Ya nkone y’Umunyetiyopiya yari mu ngendeshwa imeze gute igihe Filipo yamwegera?

IJAMBO ry’ikigiriki ryahinduwe ngo «umukogote» muri Bibiliya y’isi nshasha, rirashobora kwerekeza ku ngendeshwa zitandukanye. (Ivyak. 8:​28, 29, 38) Ariko rero, biboneka ko uwo Munyetiyopiya yariko agendera ku ngendeshwa nini kuruta umukogote usanzwe wa gisirikare canke uwukoreshwa mw’isiganwa. Raba imvo zimwezimwe zatumye dushika kuri ico ciyumviro.

Uwo Munyetiyopiya yari umukozi mukuru wo ku kirimba yari yafashe urugendo rurerure. «Yari umuntu afise ububasha yakorera Kanidake umwamikazi w’Abanyetiyopiya, akaba yari ashinzwe itunga ryiwe ryose.» (Ivyak. 8:27) Kera, Etiyopiya yari igizwe na Sudani yo muri iki gihe be n’igice c’ubumanuko c’igihugu ca Misiri y’ubu. Naho bishoboka ko uwo mugabo atagendeye ku ngendeshwa imwe gusa muri urwo rugendo rwose, ategerezwa kuba yari yitwaje ibintu bitari bike ku bw’urwo rugendo rurerure. Mu kinjana ca mbere, mu ngendeshwa zakoreshwa mu kwunguruza abantu harimwo ishareti z’amapine ane kandi zisakaye. Igitabu kimwe (Acts—An Exegetical Commentary) kivuga giti: «Iyo shareti yarashobora gutwara ibintu vyinshi, bigatuma urugendo rurushiriza kworoha, kumbure bigafasha n’abantu kugira ingendo ndende.»

Uwo Munyetiyopiya yariko arasoma igihe Filipo yamwegera. Iyo nkuru ivuga iti: «Filipo aca arirukanga iruhande y’uwo mukogote, amwumva asoma n’ijwi ryumvikana ivyanditswe n’umuhanuzi Yesaya.» (Ivyak. 8:30) Amashareti yakoreshwa mu ngendo ntiyanyaruka cane. Kuba iyo shareti yagenda bukebuke vyatumye iyo nkone igenda irasoma, bituma na Filipo ayishikira ari ku maguru.

Uwo Munyetiyopiya “yarasavye Filipo ngo yurire bicarane.” (Ivyak. 8:31) Umukogote wari ugenewe isiganwa, abawugenderamwo baba bahagaze. Ariko umukogote wari ugenewe ingendo, waba ufise aho iyo nkone na Filipo bokwicara.

Twisunze ibivugwa n’inkuru yahumetswe dusanga mu Vyakozwe ikigabane ca 8 be n’ibindi bimenyamenya vy’inkuru zo muri kahise, ubu ibitabu vyacu vyerekana ya nkone y’Umunyetiyopiya iriko igendera ku mukogote munini, aho kuyerekana iri mu mukogote mutoyi wa gisirikare canke uwukoreshwa mu gusiganwa.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika