Abantu ntibashobora gukuraho intambara
Ingene intambara n’imishamirano bizohera
Bibiliya ivuga ko Imana ari yo «[izo]hagarika intambara kw’isi yose», si abantu.—Zaburi 46:9.
IMANA IZOKURAHO INTWARO Z’ABANTU
Imana izokuraho intwaro z’abantu biciye ku ntambara Bibiliya yita Harumagedoni.a (Ivyahishuwe 16:16) Ico gihe, «abami bo kw’isi yose» bazokoranirizwa «ku ntambara yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose.» (Ivyahishuwe 16:14) Harumagedoni ni intambara y’Imana izorangiza izindi ntambara zose.
Imana niyakuraho intwaro z’abantu, izozisubiriza Ubwami bwayo, ari bwo ntwaro yayo. Iyo ntwaro izoganza iri mw’ijuru kandi ntizokwigera ivaho. (Daniyeli 2:44) Imana yahisemwo Umwana wayo Yezu Kristu ngo abe ari we ayitwara. (Yesaya 9:6, 7; Matayo 28:18) Iyo ntwaro ni bwa Bwamib Yezu yigisha abigishwa biwe gusenga basaba. (Matayo 6:9, 10) Kw’isi yose abantu bazoba batwarwa n’iyo ntwaro imwe rudende izoba iyobowe na Yezu.
Yezu aratandukanye n’abategetsi b’abantu, kuko wewe atazokoresha ububasha bwiwe mu kwironderera inyungu ziwe. Kubera yuko atarenganya kandi ntagire nkunzi, nta n’umwe azohagarika umutima yibaza ko azofatwa nabi kubera ibara ryiwe ry’urukoba, ubwenegihugu bwiwe, canke ubwoko bwiwe. (Yesaya 11:3, 4) Vyongeye, nta muntu bizoba ngombwa ko arwanira uburenganzira bwiwe. Uti kubera iki? Kubera ko Yezu azokwitwararika ineza ya buri wese. «Azorokora umukene atabaza, arokore umuntu mutomuto n’uwutagira gitabara. . . . Azobakiza agahahazo n’ibintu vy’ububisha.»—Zaburi 72:12-14.
Ubwami bw’Imana buzokura kw’isi ibirwanisho vyose. (Mika 4:3) Buzokuraho n’abantu b’ababisha banka guhagarika intambara canke babuza amahoro abandi. (Zaburi 37:9, 10) Umuntu wese, yaba umugabo, umugore canke umwana, azokwumva atekaniwe aho azoba ari hose kw’isi.—Ezekiyeli 34:28.
Igihe intwaro y’Imana izoba iganza, abantu bose bazogira ubuzima bwiza cane. Iyo ntwaro izokuraho ingorane zituma abantu barwana, nk’ubukene, inzara n’ukubura uburaro. Abantu bose bazoronka ibifungurwa vyinshi kandi vyiza, babe n’ahantu heza.—Zaburi 72:16; Yesaya 65:21-23.
Ubwami bw’Imana buzokuraho amabi yose yatejwe n’intambara. Ntibuzokiza gusa abantu ibikomere bafise ku mubiri, ariko buzobakiza n’ibikomere bafise ku mutima be n’ihahamuka batewe n’amabi y’intambara. Mbere n’abapfuye bazozuka. (Yesaya 25:8; 26:19; 35:5, 6) Abagize imiryango bazosubira kubonana kandi nta wuzosubira kwibuka ibintu bibi yaciyemwo, kuko «ivya kera bizoba vyavuyeho.»—Ivyahishuwe 21:4.
IMANA IZOKURAHO IGICUMURO
Ubwami bw’Imana buzotuma abantu bunga ubumwe mu gusenga Imana yonyene y’ukuri ari yo Yehovac, «ya Mana y’urukundo n’amahoro.» (2 Abakorinto 13:11) Abantu bazokwiga kubana mu mahoro. (Yesaya 2:3, 4; 11:9) Abo bose bazoshira mu ngiro ivyo biga, bazokurwako ingaruka z’igicumuro.—Abaroma 8:20, 21.
IMANA IZOKURAHO SHETANI N’AMADAYIMONI YIWE
Ubwami bw’Imana buzohonya abakokeza intambara, ari bo Shetani n’amadayimoni yiwe. (Ivyahishuwe 20:1-3, 10) Kubera ko ata nyosha mbi zizoba zigihari, «amahoro azosasagara.»—Zaburi 72:7.
Niwizigire udakeka ko umuhango w’Imana wo kurangiza intambara n’imishamirano uzoranguka. Imana iripfuza gukuraho intambara kandi irabishoboye.
Imana irafise ubukerebutsi n’ububasha bwo gukuraho intambara n’ububisha. (Yobu 9:4) Nta conanira Imana.—Yobu 42:2.
Imana irababazwa no kubona abantu bari mu marushwa. (Yesaya 63:9) Vyongeye, «umuntu wese akunda ibintu vy’ububisha aramushisha.»—Zaburi 11:5.
Imana yama ishitsa ivyo isezerana, ntibesha.—Yesaya 55:10, 11; Tito 1:2.
Imana izozana amahoro nyakuri kandi arama.
Imana izokuraho intambara
a Soma ikiganiro kiri jw.org kivuga ngo «Intambara ya Harumagedoni ni iki?»
b Raba ividewo iri kuri jw.org ivuga ngo Ubwami bw’Imana ni iki?
c Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana.—Yesaya 12:2.