INGENE WOKWIYIGISHA
Koresha neza icirore
Umwigishwa Yakobo yagereranije Bibiliya n’icirore kidufasha kubona ingene tumeze imbere muri twebwe. (Yak. 1:22-25) None twokoresha neza gute Bibiliya nk’icirore?
Yisome witonze. Nka hamwe twokwiraba mu cirore twihutagiza, twoshobora gusanga twirengagije utunenge duhambaye. Muri ubwo buryo nyene, kugira tumenye ivyo tworyohora imbere muri twebwe, vyoba vyiza dufashe umwanya wo gusoma Ijambo ry’Imana twitonze, aho kwihutagiza.
Nurabe canecane ivyo woryohora aho kuraba abandi. Umuntu afashe icirore akagihengeka, arashobora kubona utunenge tw’uwuri hafi yiwe. Muri ubwo buryo nyene, twoshobora gusanga dukoresheje Bibiliya mu kuraba amakosa y’abandi. Ariko ivyo ntivyodufasha gukosora amakosa yacu.
Nubone ibintu mu buryo bwiza. Nka hamwe twogumiza umutima ku tunenge twibonyeko mu cirore, twoshobora gucika intege. Igihe rero dusoma Ijambo ry’Imana, turakwiye kubona ibintu mu buryo bwiza, ntitwitege ko dushobora gukora ibirenze ivyo Yehova atwitezeko.—Yak. 3:17.