ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w25 Ruheshi rup. 32
  • Ivyogufasha kwibuka ivyanditswe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyogufasha kwibuka ivyanditswe
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Ivyo bijanye
  • Nukoreshe Bibiliya ubigiranye ubuhanga
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ingene wokoresha JW Library
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • Gusigura Neza Ivyanditswe
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Kwinjiza Neza Ivyanditswe
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
w25 Ruheshi rup. 32

INGENE WOKWIYIGISHA

Ivyogufasha kwibuka ivyanditswe

Vyoba birashika ukibagira icanditswe ukunda cane? Gishobora kuba ari icanditswe kikuremesha, canke kigufasha kurwanya ivyiyumviro bibi, canke ico wipfuza kubwira umuntu. (Zab. 119:​11, 111) Raba ibintu bimwebimwe vyogufasha kwibuka ivyanditswe.

  • Koresha JW Library®. Igihe usomye umurongo wo muri Bibiliya wipfuza kwibuka, nuce uwufyondako, hanyuma ufyonde ku kamenyetso ko guteranya, hanyuma kuri «Ajouter une catégorie», uce wandika ngo «Ivyanditswe nkunda.» Nuce uze urabika muri uwo mugwi ivyanditswe vyose wipfuza kwibuka.

  • Nushire ico canditswe aho ushobora kukibona. Niwandike ku gapapuro icanditswe wipfuza kwibuka, uce ugashira aho uzoza urakabona kenshi. Hari abagashira iruhande y’icirore, abandi bakagashira kuri frigo. Abandi na bo barafotora ico canditswe bakagishira kuri écran ya terefone yabo canke ya ordinateri yabo.

  • Koresha udukarata. Fata agakarata maze ku ruhande rumwe uhandike ico canditswe, ku rundi na ho uhandike ingene kivuga. Nuze rero uraraba ku ruhande rwanditseko amajambo akigize kugira ngo wiyibutse ico canditswe, canke na ho urabe ku ruhande rwanditseko ico canditswe kugira wiyibutse ingene kivuga.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika